Prezida wa Iran araburira ko amaboko yabo "azoguma ku mbarutso y'inkoho"

Ahavuye isanamu, Iran's Presidential website/WANA (West Asia News Agency)/Handout via REUTERS
Umukuru w’igihugu ca Iran avuga ko ibitero vya Israël muri Liban “vyarenze ku mugaragaro” ayo masezerano yo guhagarika intambara.
Masoud Pezeshkian yavuze mu butumwa yashize kuri X ati: “Ivyo bikorwa vyerekana ububeshi no kutubahiriza amasezerano, bigatuma ibiganiro bitakigira akamaro.”
Yavuze kandi ko amaboko ya Iran “azoguma ku mbarutso y'inkoho” kandi ko igihugu kitazokwigera “giheba abavukanyi bacu bo muri Liban.”
Ibi vyashitse umusi umwe inyuma y’uko igisirikare ca Israël kivuze ko cateye Liban ibitero vy’indege birenga 100, kivuga ko vyari bigenewe Hezbollah.
Umushikiranganji wa mbere wa Israël, Benjamin Netanyahu, yavuze ko Israël izobandanya gutera Hezbollah “aho hose bikenewe.”
Hagati aho, umukuru w’inama nshingamateka ya Iran yaburiye ko “ukurenga ku masezerano yo guhagarika intambara bifise ingaruka zikomeye kandi bituma haba inyishu zikomeye.”
Mohammad-Bagher Ghalibaf yavuze ko Liban ari “igice kidashobora gutandukanywa n’ayo masezerano,” kandi ko “ata kibanza co guhakana canke gusubira inyuma gihari.”
Yongeyeko ati: “Nimuhagarike umuriro ubu nyene.”
Izindi nkuru wosoma:







