Ico tuzi ku guhagarika intambara mu kiringo c'indwi zibiri hagati ya Amerika na Irani

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani bumvikanye ku masezerano yo guhagarika intambara mu kiringo c'indwi zibiri, aho uruja n'uruza rw'amato ruzokwemererwa guca mu muhora wa Hormuz.
Ivyo bishitse inyuma y'ukwezi kurenga, kuva ibihugu vya Amerika na Israel bitanguye ibitero bihurijwe hamwe kuri Iran, kandi inyuma y'amasaha makeyi Perezida wa Amerika Donald Trump ateye ubwoba ko "ubuzima bw'abantu bose bushobora guhera muri iri joro" mu gihe Irani itosubira kwugurura uwo muhora.
Umushikiranganji wa mbere wa Pakistan Shehbaz Sharif, yari mu bikorwa vyo guhuza impande zose mu biganiro, yavuze mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, ako gahengwe katanguye gushirwa mu ngiro ubwo nyene.
Ng'ibi ivyo tuzi gushika ubu kuri ayo masezerano.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani bivuga iki?
Trump yavuze ko yemeye "guhagarika ibitero kuri Iran mu kiringo c'indwi zibiri", mu gihe Iran yokwemera gusubira kwugurura umuhora wa Hormuz, inzira ihambaye cane mu gutwara ibitoro n'ibindi bidandazwa biva mu kigobe c'abarabu.
Mu butumwa yashize ku rubuga rwa Truth Social, Trump yavuze ko yemeye aka gahengwe k'igihe gito kuko "twamaze gushika no kurenga ku migambi yose y'intambara twari dufise".
Ivyo bibaye inyuma y'uko yari yabanje kuburira ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zishobora gutsinda Iran "mw'ijoro rimwe gusa" kandi ko "ubuzima bw'abantu bose bushobora kuzimangana muri iryo joro ntibuzosubire kubaho", amajambo yatewe ivyatsi n'umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres hamwe na papa Leo XIV.
Ku musi wa gatatu, Trump yavuze ko Amerika izokorana vya hafi na Iran kandi "izoganira ku kugabanya amakori n'ibihano ".
Yongeyeko kandi ko "igihugu cose kizoha Iran ibirwanisho kizocibwa amakori ku bidandazwa vyose bigurishwa muri Amerika gushika ku bice 50% ubwo nyene, kandi ko ata n'umwe azovyemererwa canke ngo agabanirizwe".
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku wa gatatu, umunyamabanga wa Leta ya Amerika ajejwe ivy'intambara Pete Hegseth yavuze ko igisirikare ca Amerika kizokurikirana neza ko Iran yubahiriza aka gahengwe kandi igashika ku masezerano.
Yongeyeko ko abasirikare "bazoguma aho bari, biteguye kandi maso", kandi "bari ku rwego rwo gusubira gutangura ibikorwa mu kanya gato".
Iran yemeye ko ubwato buzoca mu muhora wa Hormuz mu kiringo c'indwi zibiri, aho ingendo zabwo zizoba zigenzurwa n'igisirikare c'ico gihugu.
Amerika kandi yashize ahabona umugambi w'ingingo 10, ushaka:
- guhagarika burundu intambara muri Iran, Iraq, Liban na Yemen
- kwiyemeza gukuraho ibihano vyafatiwe Iran
- kurekura amahera ya Iran afashwe na Amerika
- kuriha indishi z'akababaro zo gusubira kwubaka igihugu
Uwo mugambi uvuga kandi ko "Iran yiyemeje kutarondera na gato gutunga ibirwanisho ruhonyanganda vya nikleyere".
Mw'itangazo, inama nkuru y'umutekano w'Igihugu ya Iran yavuze ko "intsinzi ya Iran ku rugamba izoshimangirwa kandi mu biganiro vya politike".
Nk'uko vyavuzwe na Sharif, aka gahengwe kazoshirwa mu ngiro no muri Liban, aho Israel iriko irarwana n'umugwi wa Hezbollah ushigikiwe na Iran.
Israel yemeye ayo masezerano, ariko ivuga ko "Liban itarimwo", maze kuri uyu wa gatatu isubira kugaba ibitero mu turere twa Tyre na Nabatieh mu bumanuko bw'igihugu.
None Israel yavuze iki?
Inzamba zavuze muri Israeli haciye igihe gitoyi Trump atangaje ivyo, ingabo za Israel zivuga ko ziriko zirafata ibisasu vya misile vyatewe bivuye muri Iran.
I Yeruzalemu ku musi wa kabiri mw'ijoro, hari ibiturika cane vyumvikanye .
Haciye amasaha makeyi ako gahengwe kemejwe , Netanyahu yavuze ati: "Israel irashigikiye ingingo ya Perezida Trump yo guhagarika ibitero vyakozwe kuri Iran mu kiringo c'indwi zibiri, bivanye n'uko Iran yoca yugurura uwo muhora, igahagarika ibitero vyose bikorwa kuri Amerika, Israel n'ibihugu vyo muri ako karere."
Iryo tangazo ryongeyeko ko "ukwo guhagarika intambara kutarimwo Libani", aho Israel ifise ingabo zo ku butaka.
Ntibiramenyekana neza uruhara Benjamin Netanyahu yagize mu gufata ingingo kwa Trump.
Ni igiki gikurikira?
Igihugu ca Pakistan, cari gisanzwe kiri mu bihugu bigerageza guhuza impande ziri mu mishamirano, catumiye izo Mpande zose guhura i Islamabad ku musi wa gatanu "kugira ngo baganire cane ku buryo bwoshikana ku masezerano ya nyuma azotora inyishu kuri ayo matati yose."
Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika, Karoline Leavitt, yemeye ko ibiganiro vy'uguhura imbonankubone bikiriko birategurwa, ariko yongerako ko "nta kintu na kimwe cemejwe gushika bitangajwe n'umukuru w'igihugu canke White House."
Uko vyogenda kwose, ivyo biganiro bitegekanijwe kuzoba bigoye cane.
Ibitero vyabandanije no kuba n'inyuma y'uko ako gahengwe k'intambara gatangarijwe, kuko igihugu ca Kuwait ku musi wa gatatu mu gitondo cavuze ko habaye ibitero vyakozwe na Iran vyononye umuyagankuba, ibikoresho vyo guhingura amazi arimwo ivyunyunyu kugira anyobwe , hamwe n'ahahingurirwa ibitoro.
Mw'itangazo ryasohowe ku rubuga rwa X, igisirikare ca Kuwait cavuze giti:
"Ingabo zacu zo mu kirere zariko zirakingira igihugu mu guhangana n'igitero gikomeye cane c'indege zitajamwo abadereva vyaturutse muri Iran, aho "drone" 28 zari zatewe ku gihugu ca Kuwait."
Amerika na Iran basa n'abafise ivyiyumviro bidahuye neza ku bijanye n'ivyo ako gahengwe k'intambara gasigura. Kandi mu mwaka uheze, ivyo bihugu vyaragiraniye ibiganiro incuro zibiri, ariko kuri izo ncuro zose, intambara yarasubiye gukara hagati mu biganiro.
Abakuru b'ibihugu vy'Ubufaransa, Ubutaliyano, Ubudagi, Ubwongereza, Canada, Danemark, Pays-Bas, Espagne hamwe n'Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya , EU, bashimye ako gahengwe maze mw'itangazo bahuriyeko basavye ko habaho "ihagarikwa ry'intambara ryihuta kandi riramba."
Bavuze kandi bati:
"Turahamagarira impande zose kwubahiriza ako gahengwe, harimwo no muri Liban."










