Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Amerika na Iran vyarasanye inyuma y'ikororwa rya kajugujugu y'irondo ya Amerika hejuru ya Hormuz

Perezida Donald Trump yari yabanje kwagiriza Iran ko yarashe igakorora kajugujugu ya Amerika hejuru y’umuhora wa Hormuz, kandi ahiga ko Amerika izokwihora.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. DR Congo: Abashingamateka bashigikiye integuro y'itegeko rya kamarampaka

    Inama nshingamateka ya Repuburika ya Demokarasi ya Kongo yemeje integuro itegekanya ibisabwa kugira hatunganywe amatora ya kamarampaka.

    Ku bashingamateka 351 bitavye ikoraniro ryo ku wa kabiri, 348 ni bo batoye bemeza iyo nteguro.

    Ubu rero iyo nteguro igiye kurungikwa mu Nama nkenguzamateka (Sena) kugira ngo harangizwe inzira zijanye no kuyisuzuma, ibone gushirwako umukono n’umukuru w’igihugu, gutyo ice iba itegeko.

    Abashingamateka b’inkehwa bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, bahisemwo kutitaba ayo matora.

    Banegura ico badondora nk’umugambi wa Perezida, Félix Tshisekedi, wo guhindura ibwirizwa nshingiro kugira yigumize ku butegetsi inyuma ya 2028, umwaka ikiringo ciwe ca kabiri kizorangirirako, nk’uko bitegekanijwe mw’ibwirizwa nshingiro rihasanzwe.

    Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 6 Rusama (5), Perezida Tshisekedi yatangaje ko yiteguriye kuguma ku butegetsi n’inyuma ya 2028, hamwe Abanyekongo bokwemeza ko bavyipfuza biciye muri kamarampaka.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Kenya: Umugabo bivugwa ko yarasiwe mu myigaragambyo yo kwamagana ikigo cy'akato cya Ebola cy'Amerika

    Uwigaragambyaga yarasiwe mu myigaragambyo mu mujyi wa Nanyuki muri Kenya yo kwamagana iyubakwa ry’ikigo cy’akato cya Ebola kigenewe Abanyamerika, nkuko ababibonye babibwiye abanyamakuru.

    Umukuru w’imyigaragambyo yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko polisi yishe irashe uwigaragambyaga. Polisi nta cyo yari yatangaza.

    Amatsinda y’abigaragambyaga, bazunguzaga amabendera ya Kenya, bafite ibyapa ndetse bafite isanduku yanditseho ijambo “Ebola” ku ruhande, bari barimo gusaba ko gahunda y’Amerika yo kubaka icyo kigo cy’ubuvuzi ku kigo cya gisirikare kiri hafi aho iburizwamo. Polisi yari yarashe imyuka iryana mu maso mu gutatanya abigaragambyaga.

    Mu cyumweru gishize, abantu babiri bishwe barashwe ubwo polisi yatatanyaga abandi bari bari mu myigaragambyo nk’iyo.

    Ibiro ntaramakuru AFP byatangaje ko ku wa kabiri hari hari uguhangana i Nanyuki – umujyi uri mu ntera ya kilometero hafi 200 mu majyaruguru y’umurwa mukuru, Nairobi – mu gihe abigaragambyaga bashyamiranaga na polisi.

    AFP ivuga ko abanyamakuru bayo bumvise amasasu ndetse babona umugabo wari warashwe mu mutwe, akaba yari aryamye hasi atanyeganyega.

    Reuters itangaza ko babiri mu banyamakuru bayo babonye umurambo w’umugabo uri inyuma mu modoka ya polisi ariko ko batiboneye bo ubwabo iryo raswa.

    Iyo gahunda y’Amerika yateje guhangayika mu baturage bo muri Kenya ku kuba hari ibyago byuko habaho ubwandu bwambukiranya imipaka, no kuba leta itarakoreye mu mucyo ku bijyanye n’icyo kigo cy’ubuvuzi.

    Mu kwezi gushize, urukiko rukuru rwa Kenya rwavuze ko ifungurwa ry’icyo kigo rikwiye guhagarikwa, nyuma yuko umuryango w’uburenganzira bwa muntu ushinze urubanza uvuga ko icyo kigo giteje “ibyago bikomeye cyane kandi biri hafi kuba” ku buzima bw’abaturage.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Amerika na Iran vyarasanye inyuma y’ikororwa rya kajugujugu y’irondo ya Amerika hejuru ya Hormuz

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Iran vyarasanye inyuma y'aho Perezida Donald Trump yagirije ico gihugu ko carashe kajugujugu ya Amerika hejuru y’umuhora wa Hormuz.

    Ingabo za Amerika zatanguye ibitero isaha cumi n’imwe z’umuhingamo ku masaha yo mu gice c’ubuseruko bwa Amerika (ni ukuvuga isaha zitanu zo mu Burundi no mu Rwanda), ku wa kabiri, mu kwihora kw’ikororwa ry’iyo kajugujugu, nk'uko bivugwa na bumwe mu buyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika bwitwa CENTCOM.

    Mw’itangazo yasohoye, CENTCOM yagize iti: “Iki gikorwa ni inyishu ihuye n'ibitero bidafise ishingiro vya Iran.”

    Mu kwishura, ishami rya gisirikare rijejwe gucungera ubutegetsi bwa kiislam muri Iran (IRGC) ryavuze ko ryagavye ibitero ku bibanza 21 vyo ku bigo vya gisirikare vya Amerika vyo muri ako karere, kimwe muri Bahrain, hamwe n’ikindi kiri muri Yorodaniya.

    Ni mu gihe n'igisirikare ca Koweït cavuze ko cariko kiratangira igitero.

    Mu nyuma, CENTCOM yatangaje ko yahejeje ivyo bitero.

    Humvikanye uguturika ku nkengera z’ikigobe c’Aba Perse no mu karere k’umuhora wa Hormuz.

    CENTCOM ivuga kandi ko abari muri iyo kajugujugu yo mu bwoko bwa Apache barokowe hakoreshejwe ubwato butajamwo umudereva bwa Amerika.

    Ni ubwa mbere igisirikare ca Amerika cemanze ku mugaragaro ko gikoresha mwene ubwo bwato mu bikorwa nk’ivyo.

    Mu butumwa yacishije ku rubuga Truth Social, Trump yagize ati: “Muri iyo kajugujugu harimwo abadereva babiri, kandi bose barakomeye, nta n’umwe yakomeretse.”

    Abategetsi b’Amerika bavuga ko Iran yakoresheje ‘drone’ mu kugaba ico gitero. Ariko ntibiramenyekana neza nimba iyo ‘drone’ yari igamije koko kurasa iyo kajugujugu, nk'uko umwe mu bategetsi b’Amerika atashatse ko amazina yiwe amenyekana yabibwiye CBS News, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.