Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Burnham avuga ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo ya gisirikare ‘yo kwikingira’

Andy Burnham yavuze ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo "yo kwikingira" mu guha igitoro indege z’intambara zikiri mu kirere, inyuma y’ibitero ico gihugu cagabweko n’aba Houthi bo muri Yemen bashigikiwe na Iran.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Uganda isaba ko intambara zo mu Buseruko bwo Hagati zitorerwa umuti mu mahoro

    Reta ya Uganda yasavye ko amatati n’intambara bibera mu buseruko bwo hagati bitorerwa umuti biciye mu biganiro vy’amahoro.

    Mw’itangazo ryasohowe ku wa mbere n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Uganda yavuze ko idashigikira intambara zidafise ishingiro.

    Yasavye impande zose kwemera ko Israel ibaho nk’igihugu, ariko n’Abanyapalestina bagahabwa uburenganzira bwo kugira igihugu cabo.

    Reta ya Uganda yavuze ko igice kinini c’ingorane zo muri ako karere giterwa n’uko ico kibazo kitigeze gitorerwa umuti ubereye.

    Ku bijanye n’umugambi wo gukoresha inguvu za nikleyeri mu bikorwa vy’amahoro, Uganda yavuze ko ico kibazo gikwiye gutunganywa hakurikijwe amategeko mpuzamakungu.

    Reta ya Uganda yaneguye kandi politike ishingiye ku moko no ku madini, ivuga ko ari ikosa ryo mu mitekerereze no kuri kazoza kandi ko ari "uburozi" ku kibazo ico ari co cose.

    Iryo tangazo rivuga ko bimwe mu bihugu vya Afrika, harimwo na Uganda muri kahise, vyigeze gusamburwa "n'ubu burozi" buvuye ku macakubiri ashingiye ku moko no ku madini.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. CNN, MS NOW na Politico bitwariye Trump kubera kubuzwa kwinjira muri White House

    Ibimenyeshamakuru CNN, Politico na MS NOW vyavuze ko bigiye kwitwarira ubutegetsi bwa Trump, inyuma y’aho ivyo bimenyeshamakuru bitatu vyo muri Amerika bibujijwe kwinjira mu nyubakwa perezida w’ico gihugu akoreramwo, izwi nka White House.

    Ku wa gatanu uheze, Perezida Donald Trump yatangaje ko ivyo bimenyeshamakuru bibujijwe kwinjira muri White House, avyagiriza kwandika "inkuru z’ibinyoma" ku bagize umurwi wiwe. Ivyo bimenyeshamakuru vyavuze ko ku wa gatandatu uheze abanyamakuru bavyo bankiwe kwinjira muri iyo nyubakwa.

    Mw’itangazo basohoreye hamwe ku wa mbere, bavuze ko bagiye kwitura ubutungane kugira "barwanire ingingo y’uko atari reta ifata ingingo y’ivyo ibimenyeshamakuru bitangaza".

    Inyuma y’aho, ibimenyeshamakuru bikomeye vyo muri Amerika vyarahagaritse ivy’agateganyo gukurikirana Trump, igihe yari agiye i New York mu Nama Nkuru ya ONU. Mu nyuma, White House yaciye ishirako shene yitwa Trump TV yo gutangaza ayo makuru.

    Trump, mu kwishura ku makuru y’uko ivyo ibimenyeshamakuru bigiye kumwitwarira, yavyise "abatwenza bo ku rwego rwo hasi" hamwe n'"ibinyamakuru vy’amanyanga kandi vyuzuye ibiturire", avuga ko "bifata minenerwe kandi bigasuzugura" ivyo amaze gushikako.

    Trump yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social ati: "Abantu n’ibimenyeshamakuru bitanga amakuru y’ibinyoma bandika gusa ibibi, kandi bahungabanya umutekano w’igihugu cacu mu kwandika inkuru z’ibinyoma kandi zicafuza umuntu, zitangwa n''amasoko' atazwi, ntibakwiye kwemererwa kwinjira mu biro bihambaye kuruta ibindi vyose kw’isi."

    Yongeyeko ko "ata gukekeranya" umurwi wiwe uzokwunguruza urwo rubanza.

    Ihinyanyura rya mbere (canke 'First Amendment') ryagizwe kw'Ibwirizwa Shingiro rya Amerika, rirabuza reta kubangamira umwidegemvyo w’ibimenyeshamakuru.

    Sentare zisanzwe zisigura iyo ngingo nk’iyibuza reta kuvangura ibimenyeshamakuru ifatiye ku vyo bitangaza.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Iran igomba kwambura intwaro aba-Houthi bo muri Yemen – G7

    Abaminisitiri b’ububanyi n’amahanga bo mu itsinda ry’ibihugu bikize ku isi rya G7 basohoye itangazo bahuriyeho bavuga ko Iran igomba “kureka guha intwaro n’ubufasha” aba-Houthi bo muri Yemen.

    G7yamaganye kandi “mu magambo akomeye cyane” ibitero by’aba- Houthi kuri Arabie Saoudite, yongeraho ko kuba imirwano yabo n’ingabo zishyigikiwe na Arabie Saoudite yarafashe indi ntera mu bihe bya vuba aha bishize, biteje inkeke ku kwihaza mu ngufu muri ako karere no ku rwego rw’isi.

    Mu minsi ya vuba aha ishize, impunzi zibarirwa mu bihumbi zahunze Yemen nyuma yuko uwo mutwe ufashwa na Iran ufashe ubutaka bwo ku nkombe y’icyo gihugu ikora ku Nyanja Itukura, burimo n’ubwo hafi y’Ubunigo bwa Bab al-Mandab, inzira y’ingenzi cyane inyuramo ibicuruzwa bijya hirya no hino ku isi.

    Mbere, Iran yahakanye guha intwaro aba-Houthi ndetse ivuga ko ibafasha gusa mu rwego rwa politike.

    G7 isohoye iryo tangazo mbere y’inama ngarukamwaka y’inteko rusange y’Umuryango w’Abibumbye (ONU) ibera i New York muri Amerika, aho Perezida wa Iran Masoud Pezeshkian yitezwe kuvuga ijambo.

    Ba minisitiri b’ububanyi n’amahanga b’Ubwongereza, Canada, Ubufaransa, Ubudage, Ubutaliyani, Ubuyapani n’Amerika bagize bati: “Dusabye aba-Houthi guhagarika aka kanya ibikorwa bya gisirikare, inkeke zose n’ibitero byose ku mato y’ubucuruzi ya gisivile, no gusubira mu nzira ya politike bya nyabyo.”

    Basohoye iryo tangazo nyuma y’inama bagiranye iruhande rw’inama y'inteko rusange ya ONU.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Burnham avuga ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo ya gisirikare 'yo kwikingira'

    Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Andy Burnham yavuze ko Ubwongereza buzoha Arabia Saoudite imfashanyo "yo kwikingira" mu guha igitoro indege z’intambara zikiri mu kirere, inyuma y’ibitero ico gihugu cagabweko n’aba Houthi bo muri Yemen bashigikiwe na Iran.

    Bivugwa ko iyo mfashanyo ishobora gutangura mu misi iri imbere, kandi ko izotangwa hakoreshejwe indege imwe y’Ubwongereza yo mu bwoko bwa Voyager, iri ku birindiro vy’igisirikare kirwanira mu kirere c’Ubwongereza, RAF, biri i Akrotiri muri Chypre.

    Umushikiranganji wa mbere yavuze ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho Arabia Saoudite isabiye Ubwongereza "imfashanyo ya gisirikare", akaba yayemeye abigiriwemwo inama n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi Wes Streeting hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Ed Miliband.

    Abategetsi bo muri reta y'Ubwongerezabavuze ko iyo mfashanyo "izotangwa mu gihe gito", kandi ko mu ntango ishobora kumara igihe giharurwa mu "ndwi".

    Aba Houthi bari mu ntambara yo hagati mu gihugu na reta ya Yemen, ishigikiwe na Arabia Saoudite.

    Mu misi iheze, aba Houthi bo muri Yemen bavuze ko bagavye ibitero bakoresheje indege zitajamwo abadereva hamwe na misile zo mu bwoko bwa ballistic ku murwa mukuru wa Arabia Saoudite, Riyadh, no ku bibanza vy’amasoko ntanganguvu biri ku nkengera y’Ikiyaga gitukura.

    Abategetsi b’Ubwongereza bavuga ko imfashanyo "yo kwikingira" ishobora kuba irimwo gufasha indege z’igisirikare kirwanira mu kirere ca Arabia Saoudite kurasa no gusambura misile n’indege zitajamwo abadereva z’aba Houthi ziba ziriko ziraza gutera.

    Indege imwe yo mu bwoko bwa Voyager izokoreshwa muri ico gikorwa iri mu ndege icenda zo muri ubwo bwoko zikoreshwa n’igirikare kirwanira mu kirere c’Ubwongereza (RAF). Umunani muri zo zanditswe nk’indege za gisirikare, iyindi imwe ikaba yanditswe nk’indege ya gisivile.

    RAF kandi ifise izindi ndege zitanu zishobora guhamagarirwa ibikorwa vya gisirikare igihe bikenewe.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.