IKIBIRIRAHO, Ibitero vy'Aba Houthi vyongereje ubwoba bw'intambara yagutse mu Buseruko bwo Hagati n’izindi ngaruka ku butunzi bw’isi

Abarwanyi b'Aba Houthi bo muri Yemen bavuga ko bateye ubwato mu kiyaga gitukura, ibishobora gutuma ibintu birushiriza kwunyuka mu Buseruko bwo Hagati.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Gildas Yihundimpundu na Dinah Gahamanyi

  1. Videwo: Reba uko mukozi wo mu iduka ry'inzoga yarokotse igitero cy'ingwe yamuteye mu buryo butunguranye

    Insiguro ya video, India: Ingwe yateye umukozi wo mu iduka ry'inzoga mu buryo butunguranye ariko yabashije kuyicika

    Amashusho ya kamera ya CCTV yo ku wa 20 Nyakanga(7) yagaragaje igihe ingwe yinjiraga mu iduka ry’inzoga igatera umucuruzi wo muri Rajasthan, mu majyaruguru y’uburengerazuba bw’u Buhinde.

    Mbere yaho, iyi nyamaswa yari imaze gutera umukozi ushinzwe isuku imbere.

    Hanyuma iyi ngwe yihishe hafi y’aho bakorera bityo abakozi bombi babasha kuyihunga.

    Abandi bantu bari baje gutabara babashije gufunga iduka, bayifatiramo imbere.

    Nyuma y'amasaha agera kuri atanu, abayobozi baratuje bafata iyo nyamaswa.

    Abayobozi b'ibanze bemeje ko yaje kurekurwa isubira mu gasozi.

  2. Amerika: Umukozi ari mu bacungera Vance ariko akorwako itohoza ku kumena ibanga

    JD Vance n'umugore wiwe, Usha Vance, ku kigo ca gisirikare citwa ‘Joint Base Andrews’, muri reta ya Maryland.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Umwe mu bakozi b'Urwego rw'ibanga rwa Amerika ari mu murwi ujejwe kucungera umutekano w’icegera c’umukuru w’igihugu, JD Vance, yabaye arahagaritswe mu kazi akaba kandi ariko akorwako itohoza kubera yikekwa gusohora amakuru y'ibanga ashobora gutuma haba ingorane, nk'uko urwo rwego rubivuga.

    Nta makuru atomoye yatanzwe ku mabanga uwo mukozi ashobora kuba yaramenye. Ariko urwego ‘US Secret Service’ (USSS) rujejwe gucungera abategetsi bo hejuru, rwavuze ko “ashobora gukurikiranwa mu butungane” kubera ivyo yikekwako harimwo guhungabanya umutekano w'ibikorwa n'uw'amakuru y'ibanga.

    Umuvugizi w'urwo rwego, Anthony Guglielmi, yagize ati:

    "Inyifato iyo ari yo yose ishobora gushira mu kaga umutekano w'umuntu tujejwe gucungera ntizokwihanganirwa."

    Ibiro vy'Umukuru w'igihugu wa Amerika vyirinze kugira ico bivuze kuri iryo tohoza. Kandi na Guglielmi ntatomora ayo makuru y'ibanga ashobora kuba yaramenywe ayo ari yo.

    Ariko mu ndwi iheze, imboneshakure yo muri Amerika MS NOW yatanze amakuru, ivuga ko yahawe n’abantu batipfuje ko amazina yabo amenyekana, ajanye n’imyidogo ya bamwe mu bacungera umutekano wa JD Vance aho bavuga ko badashimishwa n'ingendo z'umuryango wiwe.

    Nk'uko bishikirizwa n’ikinyamakuru CNN, ihagarikwa ry'uwo mukozi ryoba rifitaniye isano n'ayo makuru.

    MS NOW yavuze kandi ko bamwe muri abo bakozi bagaragaje impungenge zabo imbere mu rwego rubajejwe ku ngendo zimwe zimwe z'umuryango wa Vance, harimwo urugendo rwari ruteguwe rwo kwunguruza umuhungu wiwe mutoya muri kajugujugu ya gisirikare agiye kwiga urukino rwa golf, hamwe n'izindi ngendo z'umuryango w’uwo mutegetsi zijanye no kurondera inzu yo kubamwo mu karere ka Washington DC.

    BBC ntiyashoboye kugenzura mu buryo bwigenga ayo makuru.

    Vyishura kuri iyo nkuru MS NOW yasohoye mu ndwi iheze, ibiro vy’icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika vyagize biti:

    "Umuryango wa Vance urakenguruka abagabo n'abagore bo mu rwego rw'ibanga rwa Amerika bakorera igihugu cacu kinyamwuga”.

    “N’ubwo gucungera icegera c’umukuru w’igihugu, asanzwe ajejwe amabanga menshi ya politike akagira n'umuryango ukiri muto kandi uriko urakura, ari akazi katoroshe, abakozi b'Urwego rujejwe gucungera inzego bavyifatamwo neza cane buri musi."

    Ibi bibaye mu gihe abakuru b’urwego USSS baburira ko iterabwoba ritumbera abo rujejwe gucungera ryiyongereye cane, harimwo no kuri Perezida Donald Trump.

    Izindi nkuru wosoma:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  3. Uwahoze ari guverineri muri Kenya, yahamijwe icyaha cy'ubwicanyi

    Okoth Obado

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Urukiko rwo muri Kenya ruvuga ko uwahoze ari Guverineri w’Akarere ka Migori mu burengerazuba bwa Kenya, Zachary Okoth Obado, n’abo baregwa hamwe bahamwe n’icyaha cyo kwica umunyeshuri wa kaminuza Sharon Otieno wahoze ari umukunzi we.

    Mu mwanzuro wafashwe mu rubanza rwagaragajwe kuri televiziyo zicyo gihugu, Urukiko Rukuru rwa Milimani i Nairobi rwahamije Obado, uwahoze ari umufasha we mu kazi Michael Oyamo n'uwahoze ari umwanditsi w'akarere ka Migori Caspal Obiero icyaha cyo kwica Sharon Otieno.

    Umucamanza Cecilia Githua yagize ati: "Ubushinjacyaha bwagaragaje ibyaha biregwa uregwa wa mbere, uwa kabiri n'uwa gatatu. Ndasanga buri wese muri bo ahamwa n'icyaha cy'ubwicanyi. Buri wese muri bo ahamwa n'icyaha."

    Nk’uko itangazamakuru ryo muri Kenya ribivuga, umucamanza yavuze ko Obado "yari afite impamvu yo gushaka ko Sharon yicwa kandi ko ari we wateguye umugambi wo kumwica."

    Obado n'abo baregwa hamwe bazakomeje gufungwa by'agateganyo mu gihe barindiriye ko urubanza rwabo rucibwa..

    Umwunganizi mu by’amategeko w’umuryango wa Sharon yagize ati: “Twishimiye iki cyemezo. Twizera ko ubutabera bwabonetse kuri Sharon.”

    Bivugwa ko Sharon Otieno w'imyaka 26 yashimuswe yicwa mu 2018. Umurambo we wabonetse mu gihuru hafi y'umujyi muto wa Oyugis, mu burengerazuba bwa Kenya.

    Raporo y’isuzuma ry’umurambo icyo gihe yagaragaje ko ashobora kuba yarafashwe ku ngufu akanaterwa icyuma inshuro umunani mu ijosi, mu nda no mu mugongo. Umwana we yari atwite icyo gihe nawe yapfiriye munda.

    Uru rubanza, rwari rumwe mu manza zamenyekanye cyane muri Kenya.

  4. Ibitero vy'Aba Houthi vyongereje ubwoba bw'intambara yagutse mu Buseruko bwo Hagati n’izindi ngaruka ku butunzi bw’isi

    Ifoto yafashwe n'ikigendajuru yerekana agace ka Bab el-Mandeb, umuhora ubwato bucamwo upfunganye cane.

    Ahavuye isanamu, NASA Worldview/Reuters

    Abarwanyi b'Aba Houthi bo muri Yemen bavuga ko bateye ubwato mu kiyaga gitukura, ibishobora gutuma ibintu birushiriza kwunyuka mu Buseruko bwo Hagati.

    Mu gusubiza inyuma ubwato bwari bugeze mu muhora wa Bab el-Mandeb, bakangishije guhungabanya inzira nyamukuru ihuza umugabane wa Buraya na Aziya.

    Ibi bibaye mu gihe ibitero hagati ya Amerika na Iran bibandanya. Ni mu gihe kandi haherutse kuba amasezerano yo guteza imbere ibijanye n’inguvu za nikleyere hagati ya Amerika na Arabie Saoudite, ivyateye impungenge z'uko ibihugu vyo muri ako karere bishobora guca vyirukira kurondera ibirwanisho vya nikleyere.

    Ubuseruko bwo Hagati buriko burushiriza kuba akarere k’akaga?

    Kugeza ubu, umwaka wa 2026 uriko uba umwe mu myaka yaranzwe n'intambara nyinshi n’akajagari mu bice bimwe bimwe vy'akarere k'Ubuseruko bwo Hagati.

    Igisirikare ca Amerika kimaze amajoro 13 akurikirana kigaba ibitero vyo mu kirere kuri Iran. Mw’itangazo bumwe mu buyobozi bw’ico gisirikare buzwi nka ‘Centcom’ bwasohoye, bwavuze ko cateye:

    "Ibigo bikuru vy'ubuyobozi bw'igisirikare ca Iran, ububiko bw'ama ‘drones’, imihora y'itumatumanako, ibibanza bikorerwamwo ibikorwa vyo gucungera inkengera z'ikiyaga hamwe n'ubushobozi bwa Iran mu bikorwa vyo mu mazi, mu ntumbero yo kurushiriza kugabanya iterabwoba Iran iteza abasivire n’ubwato buca mu muhora wa Hormuz."

    Ibihugu vyo mu kigobe c'Abarabu, vyahora bizwi nk'ahantu hatekanye, harangwa ivyaha n’ubugizi bwa nabi buke, n’amakori akaba ku rugero rwo hasi.

    Yamara ubu, ivyo bihugu biriko biramenyera kubaho ata mutekano, aho biguma bihungabanywa n’ibitero vya buri musi biva ku mubanyi wavyo afise ibirwanisho bikomeye hakurya y'ikigobe: Repubulika ya Kiislam ya Irani.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Ibihugu by'Abarabu biramagana kwinjira kwa Minisitiri wa Israel mu musigiti mutagatifu wa Al Aqsa

    Umusigiti

    Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

    Mu itangazo ryashyizwe ahagaragara, ibihugu umunani by'Abarabu n'iby'idini ya Islamu byamaganye byimazeyo ukwinjira kwa Minisitiri wa Israel n'abimukira mu musigiti wa Al-Aqsa.

    Abaministre b’ububanyi n’amahanga ba Arabiya Sawudite, Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE), Jordan, Misiri, Qatar,Turukiya, Pakisitan , na Indonesia basohoye itangazo rihuriweho bamagana cyane igikorwa cya Itamar Ben-Gvir, Minisitiri w’Umutekano w’Igihugu wa Israel n’abimukira b’Abisirayeli binjiraga mu musigiti wa Al-Aqsa.

    Itangazo ryasohotse ku mugoroba wo ku wa Kane , ryavuze ko iki gikorwa ari ukunyuranya ku buryo bugaragara n’amateka n’amategeko by’umusigiti wa Mutagatifu wa Al-Aqsa ndetse n’ubugizi bwa nabi budakwiye bushobora gutuma umwuka mubi wiyongera muri ako gace.

    Ibi bihugu munani byashimangiye ibi bikurikira:

    • Hakwiye kubaho kubaha ubuyobozi bwa Yorodaniya ku hantu hatagatifu h’abayisilamu n’abakirisitu i Yerusalemu;
    • Kwamagana igerageza iryo ari ryo ryose ryo guhindura amateka n'amategeko agenga umusigiti wa Al-Aqsa;
    • Guhagarika ibikorwa by’ubugizi bwa nabi n’ibikorwa byo ku ruhande rumwe bishobora guhungabanya umutekano n’ituze ry’akarere;
    • Hogomba bahiriza amategeko mpuzamahanga n'ibyemezo bya UN kuri Yerusalemu.

    Iri tangazo ryasohotse nyuma y'uko Itamar Ben-Gvir yinjiye mu musigiti wa Al-Aqsa ari kumwe n'amagana y'abimukira b'Abanya-Israel, igikorwa cyamaganywe cyane n'Abanyapalestina, Jordan, n'ibihugu byinshi by'Abarabu n'abaislamu.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Amerika yashize amatagisi ku bihugu vyinshi kubera iyinjizwa ry’ibidandazwa hifashishijwe ‘abakozi bakoreshwa ku nguvu’

    Perezida Donald Trump atunze urutoke ikintu kitagaragara. Yambaye ikositime y'ubururu, ishati yera n'ikaruvati itukura. Mu maso, asa n’uwufise umwitwarariko.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zashizeho amatagisi mashasha ku bihugu nimiburiburi 60 bifitaniye na zo imigenderanire y’ubucuruzi – ari na vyo ziguriramwo igice kinini c’ivyo zinjiza – zivyagiriza ko bitakoze ibihagije kugira bihagarike ikoreshwa ry'abakozi bakoreshwa ku gahato.

    Ayo matagisi ava kuri 10 gushika kuri 12,5%, akora ku bihugu bikomeye mu vy’ubucuruzi harimwo Ubwongereza, Ubushinwa, Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya (EU), Canada, Ubuyapani n'ibindi. Vyitezwe ko atangura gukurikizwa uno musi ku wa gatanu.

    Ni mu gihe haramutse harangira ikori ry'igihe gito rya 10% Trump yari yashize, mu ntango z'uyu mwaka, ku bidandazwa biva mu mahanga.

    Iyi ngingo ni iyindi ntambwe igaragaza ugukara kw’intambara y'ubucuruzi ku rwego rw'isi yari yatangujwe na Perezida wa Amerika kuva agarutse ku butegetsi mu mwaka uheze.

    Mu ntango z'uyu mwaka, Sentare nkuru y’ico gihugu yari yatesheje agaciro ingingo ya Trump yo gushira amatagisi ku bidandazwa biva mu bihugu bitandukanye, hakoreshejwe ububasha bw'ibihe vyihutirwa, aho yasiguye ko yari iteye kubiri n'amategeko.

    Kuva ico gihe, Perezida Trump yagumye arondera izindi nzira z'amategeko yokwubakirako politike yiwe y'ubudandaji.

    Mu kwezi guheze, ibiro vy'Umukuru w'igihugu wa Amerika ni vyo vyari vyasavye ko hashirwa amatagisi ari hagati ya 10 na 12,5% ku bidandazwa vyinjira muri Amerika bivuye mu bihugu biharurwa muri mirongo, aho vyasiguye ko ivyo bihugu bitakoze ibihagije mu kurwanya ikoreshwa ry'abakozi bakora ku gahato.

    Ku wa kane, Jamieson Greer ajejwe igisata c’ubucuruzi ca Amerika Jamieson Greer, akurikije amabwirizwa ya Donald Trump, yavuze ko ayo matagisi agiye gutangura gukurikizwa.

    Yagize ati: "Ingingo dufashe uno musi izotangura gukosora ihonyangwa ry’agateka ka muntu n’amakosa ajanye n’ihiganwa mu bucuruzi, mu ntumbero yo guteza imbere imibereho y'abakozi iyo bari hose kw’isi."

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.