Umuhagarikizi yankiwe kwinjira muri Amerika yari afitaniye isano n''imigwi y'iterabwoba' – Umutegetsi wo muri Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters
Umutegetsi wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko umuhagarikizi w’umunya Somalia, Omar Artan, yankiwe kwinjira muri ico gihugu kubera afitaniye “isano n’abikekwa ko bari mu mirwi y’iterabwoba”.
Artan w’imyaka 34 - yatowe nk’umuhagarikizi mwiza ku mugabane wa Afrika mu 2025 - yari agiye kuba umunya Somalia wa mbere ahagararira inkino z’igice ca nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi.
Ariko, ku wa mbere yarankiwe kwinjira muri Amerika ageze ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Miami, n’ubwo yari afise pasiporo y’aba ‘dipolomate’ hamwe na viza imwemerera kwinjira muri ico gihugu rimwe gusa.
Somalia iri ku rutonde rw’ibihugu 12 vyafatiwe ingingo na Perezida Donald Trump yo kwankirwa canke kugabanirizwa kwinjira muri Amerika.
Artan yashitse muri Somalia ku wa gatatu.
Isoko butegetsi bwa Trump ryagize riti: “Uyu muntu yariko arasaba kwemererwa kwinjira muri Amerika. Mw’igenzura ryimbitse ryagizwe n’urwego CBP [rujejwe gukingira imipaka no gusuzuma abinjira], hatowe amakuru nyandagazi amwerekeye, harimwo ko afitaniye isano n’abikekwa ko bari mu mirwi y’iterabwoba. Ivyo vyatumye atemererwa kwinjira muri Amerika hisunzwe itegeko rigenga ivy’abimukira n’ubwenegihugu (INA).
“Uwo muntu yarankiwe kwinjira yongera ahabwa impapuro zerekana ingingo z’amategeko zisunzwe kugira yirukanwe vyihuse, hakurikijwe igice ca 8235 c’itegeko INA.
“Ubutegetsi bwa Perezida Trump ntibuzokwigera bureka umuntu uwo ari we wese ashobora guteza akaga ku mutekano kwinjira mu gihugu cacu - akaburungu.”
BBC Sport yaragerageje kurondera Artan kugira agire ico ashikirije ku vyo yagirizwa.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru New York Times – co muri Amerika – ku wa kabiri, Artan yavuze ko yabajijwe n’abajejwe umutekano wo ku mipaka ku bijanye n’isano yoba afitaniye n’umugwi w’iterabwoba al-Shabab wo Somalia, nawe akaba yabishuye ko ata na kimwe azi kuri wo.
Izindi nkuru wosoma:


