IKIBIRIRAHO, Irani yateye ibigo vya gisirikare inyuma y’umupfunda w’ibitero vya Amerika

Irani yagavye ibitero bishasha ku birindiro vya gisirikare vya Amerika biri mu bihugu bibanyi vyo mu Kigobe c’Abarabu, mu gihe Amerika yo yabandanije gutera ibibanza bitandukanye biri muri Irani mw’ijoro ryakeye.

Incamake

  • Uganda yasezereye umurwayi wa nyuma wa Ebola nyuma yuko akize
  • Sentare yihaye amezi abiri ngo ibe yafashe ingingo ku matati y'umugambwe CNL
  • Yari yakatiwe gufungwa imyaka 27, none mw'iyungururizo yasabiwe 30
  • Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko atarafata ingingo yo kumenya nimba akwiye gucuvya Irani canke nimba atazobikora.
  • Argentine ishobora gufatirwa ibihano na FIFA inyuma y'aho abakinyi b'ico gihugu biginye intsinzi yabo ku Bwongereza mu rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'Igikombe c'Isi, bafise icapa gishigikira ibisabwa na Argentine ku mazinga ya Falkland.
  • Uburusiya bwasubiye kugaba ibitero vyo mu kirere ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv mw'ijoro ryakeye, ibitero vyahitanye abantu nibura babiri hamwe n'abandi batari bake bakomeretse.
  • Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe kwivuna abansi yatangaje ko abasirikare bafise imyaka kuva kuri 30 kuduga bagiye kuza barapimwa urugero rw'imisemburo ya kigabo izwi nka testosterone.
  • Hari imyiyerekano iriko irabera i Kyiv no mu bindi bisagara vya Ukraine mu kwiyamiriza ingingo ya Perezida Volodymyr Zelensky yo gukura ku mabanga umushikiranganji wo kwivuna abansi yari akunzwe cane, Mykhailo Fedorov.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Uganda yasezereye umurwayi wa nyuma wa Ebola nyuma yuko akize

    Umugore wambaye itaburiya y’icyatsi kibisi arimo gukoresha igipimo cyo gupima umuriro w’umunyeshuri. Umunyeshuri ateye urutugu muri ‘camera’.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Uganda yafashe ingamba zikaze zo gupima hamwe n'ubundi buryo bwo kwirinda, ubwo ikiza cya Ebola cyatangazwaga muri Gicurasi (5) uyu mwaka

    Umurwayi wa nyuma wa Ebola muri Uganda yasezerewe ava mu bitaro nyuma yuko akize neza aho yari arwariye mu gice cy’aho abarwayi bashyirirwa mu kato cy’ibitaro bikuru by’igihugu bya Mulago biri i Kampala.

    Minisitiri w’ubuzima Dr Chris Baryomunsi yahaye uwo mugabo icyemezo cyuko yakize Ebola, asobanura uko gukira nk’intambwe ikomeye mu bikorwa bya Uganda byo guhagarika iki kiza.

    Yagize ati: “Ibi byemeje ko guhera muri Nyakanga [7] mu 2026, uwarokotse nta byago ateje byo kwanduza abandi bantu nyuma yuko ibipimo bigaragaje ko nta ndwara ya virusi ya Ebola arwaye.”

    Minisitiri Baryomunsi yavuze ko ubuzima bw’uwo warokotse Ebola nta byago bugiteje ku baturage ndetse ko ashobora gusubira mu rugo nta nkomyi, agasubira ku murimo, ndetse agakomeza ibikorwa bye bya buri munsi.

    Kuva iki kiza gitangajwe muri Gicurasi (5), Uganda yongereye ibikorwa byo kwirinda Ebola, birimo kugabanya urujya n’uruza rwambukiranya umupaka ihana na Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) – aho icyo kiza cyatangiriye ndetse cyiganje – ishyiraho n'ingamba yuko abagenzi bavuye muri DRC bagomba gushyirwa mu kato, ndetse ikora ibikorwa byinshi by’ubukangurambaga ku kwirinda Ebola.

    Uganda yemeje ko abantu 20 bose hamwe ari bo banduye Ebola, barimo babiri bapfuye hamwe n’abandi 18 bakize. Minisiteri y’ubuzima ya Uganda ivuga ko abantu 15 mu bemejwe ko banduye Ebola bari bayikuye muri DRC.

    Alan Kasujja, ukuriye ikigo cya leta ya Uganda cyo gutangaza amakuru, yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X ati: “Iminsi 42 nishira nya wundi murwayi ugaragaye, amabwiriza ya WHO [OMS] avuga ko tuzatangazwa ko nta Ebola iturangwamo.”

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Burundi: Sentare yihaye amezi abiri ngo ibe yafashe ingingo ku matati y’umugambwe CNL

    Rwansa na Nestor

    Sentare Ntahinyuzwa y’Uburundi - mu gisata cayo c’amatati y’intwaro - yari yahamagaje urubanza Agathon Rwasa yashingishije rw’uko yakuwe ku burongozi bw’umugambwe CNL mu nzira zitubahirihe amategeko.

    Abitwariwe na Rwasa ntibitavye.

    Rwasa we niho yari ari aherekejwe n’abatari bake mu bayoboke biwe.

    Mu cumba c’iburanisha, abantu bari benshi bicaye, abandi bahagaze, batekereje mu bushuhe bwinshi.

    Intahe yamaze iminota nka 15.

    Uwari arongoye intahe yaciye amenyesha ko bagiye gusoma inyandiko zatanzwe n’impande zompi kuko iyandiko z’ivyo zashikirije zose bazifise.

    Yabwiye Rwasa n’abashingwamanza biwe babiri ati: “Inyandiko zanyu mwese turazifise, tugiye kuzisoma neza, tuzisuzume. Mu kiringo kitarenga amezi abiri tuzobamenyesha ingingo izoba yafashwe”.

    Rwasa yabishimye avuga ko “ imburano zo muri Chambre administrative muri Sentare ntahinyuzwa zifatira ahanini ku vyanditswe vy’abitwaye n’abitwariwe nkuko amategeko abitegekanya. Ivyo twanditse barabifise, ivyo abandi banditse barabifise.Turarindiriye rero ico bazotubwira’’.

    Intahe irangiye Rwasa yavugiye hanze ko “urubanza rusomwe neza” bizeye kuzorutsinda “ijana kw’ijana”.

    Mu 2024, niho bamwe mu ndongozi z’umugabwe CNL wa Agathon Rwasa bakora ikoraniro kaminuza ridasazwe baramubogoza mu mabanga yo kuba umukuru wawo.

    Vyatumye mu matora yo mu mwaka uheze adashobora kuja mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka kuko ata mugambwe wamushize ku rutonde.

    Uwurongoye umugabwe CNL Nestor Girukwishaka yavuze ko atitavye isango ry'uno munsi ku mvo nyamukuru zibiri.

    Imwe ni iy’umutekano mu gihe avuga ko batinya gukubagurwa n’abayoboke ba Rwasa. Ikindi ngo arindiriye inyishu ya sentare kw’itekete yayandikiye ryo kubaza impamvu Agathon Rwasa yitwariye abantu 10 gusa ku barenga 1400 bari bitavye inama kaminuza yafashe icemezo co kuvana Agathon Rwasa ku burongozi bwa CNL.

  3. Yari yakatiwe gupfungwa imyaka 27, none mw'iyungururizo yasabiwe 30

    Dr Eugène Rwamucyo yambaye ishati y'ubururu arimo kuvuga araba ku ruhande. Ifoto yafashwe ku mugoroba.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Urubanza rwa Dr Eugène Rwamucyo rwatanguye mu ntango z'ukwezi kw'icumi mu 2024

    Inyuma y’indwi zitandatu z’urubanza mw’iyungururizo mu Bufaransa, Dr Eugène Rwamucyo yasabiwe umunyororo w’imyaka 30 ku vyaha vya jenoside yagirizwa.

    Ni urubanza yari yunguruje inyuma y’aho muri Gitugutu (10) umwaka wa 2024 sentare y’intango imuciriye umunyororo w’imyaka 27 ku ruhara yagize mu kwica Abatutsi muri jenoside yo mu 1994 mu Rwanda.

    Rwamucyo, w'imyaka 67, yari muganga ku bitaro vya Kaminuza y’Urwanda i Butare (bizwi nka CHUB) mu gihe ca jenoside.

    Muri sentare ya mbere yari yagiriwe n’ivyaha birimwo ubufatanyacaha muri jenoside, kubiba urwanko rwankisha Abatutsi, ubufatanyacaha mu vyaha bikorerwa zina muntu, no gufatanya mu gutegura ivyo vyaha.

    Umushikirizamanza Aude Duret yasavye sentare y’iyungururizo y’i Paris gufata Rwamucyo nk’uwakoze jenoside ubwiwe, akanafasha mu kuyikora, kandi akagirwa n’uruhara mu caha gikorerwa zina muntu.

    Asoma imvo yashingiyeko mu gusaba ico gihano, uno mushikirizamanza yasubiyemwo kimwe ku kindi ibimenyetso vyose avuga ko vyerekana ko uwagirizwa afise uruhara muri ayo mabi.

    Umushikirizamanza Duret yasiguye Rwamucyo nk’umukozi wa Reta yakorana "ishaka ry’ikirenga" kandi yemera ivyiyumviro n’imigambi ya jenoside vya reta y’Urwanda y’ico gihe.

    Vyitezwe ko sentare itangaza ingingo izoba yafashe ejo ku wa gatanu aho bukera ku wa 17 z’uku kw’indwi.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Imyiyerekano iriko iba muri Ukraine inyuma y’ukwirukanwa umushikiranganji wo kwivuna abansi

    ABARI MU MYIYEREKANO

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Hari imyiyerekano iriko irabera i Kyiv no mu bindi bisagara vya Ukraine mu kwiyamiriza ingingo ya Perezida Volodymyr Zelensky yo gukura ku mabanga umushikiranganji wo kwivuna abansi yari akunzwe cane, Mykhailo Fedorov.

    Amajana n’amajana y’abanyagihugu bakoraniye ku kibanza gikuru co ku mugwa mukuru Kyiv, bazunguza amabendera ya Ukraine n’ay’Ubumwe bwa Buraya (EU), baririmba indirimbo zirimwo amajambo avuga ngo "biteye isoni" hamwe na "garukana Fedorov".

    Fedorov w’imyaka 35 yari amaze amezi atandatu gusa muri ayo mabanga, akaba yafatwa nk’umuntu kirumara mw’ikoreshwa ry’indege zitajamwo abadereva (drones) mu rugamba rwa Ukraine rwo kurwanya Uburusiya.

    Mykhailo Fedorov yafatwa nk’umuntu kirumara mw’ikoreshwa ry'ama-drone mu rugamba rwa Ukraine rwo kurwanya Uburusiya.

    Ahavuye isanamu, @zedigital

    Insiguro y'isanamu, Mykhailo Fedorov yafatwa nk’umuntu kirumara mw’ikoreshwa ry'ama-drone mu rugamba rwa Ukraine rwo kurwanya Uburusiya.

    Ibogozwa ryiwe ryaraye ribaye mu mpinduka zikomeye z’abagize reta ryakiriwe nabi cane hagati mu gihugu, kandi ryatumye abanegura ubutegetsi bavuga amajambo akaze.

    Abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko uno mushikiranganji w’ukwivuna abansi yari azi cane ivy’ubuhinga bwa none yari yarihaye igikorwa co gushira ahabona amafaranga angana na za miliyari yakoreshejwe nabi mu gisata c’ukwivuna abansi, ibi bikaba vyatumye aronka abansi benshi.

    Hari kandi abavuga ko yari asanzwe atumvikana n’umukuru w’ingabo za Ukraine, mbere bamwe bamubona nk’umuntu yoshobora guhangana na Perezida Zelensky mu vya politike muri kazoza.

  5. Abasirikare ba Amerika bagiye gutangura gupimwa urugero rwa testosterone

    Umusirikare wa Amerika

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, yatangaje ko abasirikare bafise imyaka kuva kuri 30 kuduga bagiye kuza barapimwa kugira ngo bamenye urugero rwa testosterone, imisemburo ya kigabo, bafise.

    Muri videwo yashize ku mbuga nyagiro, Hegseth yavuze ko uno mugambi ifise intego yo kumenya neza ko abasirikare bafise ico yita “urugero nyarwo rwa testosterone” rubashoboza kurangura “ibikorwa vyabo uko bibereye”.

    Hari n’abandi bategetsi bo mu ntwaro ya Donald Trump bamaze kuvuga ku kibazo c'igabanuka rya testosterone bavuga ko gikwiye kwitabwaho.

    Eka na bamwe mu bantu bakurikiranwa cane ku mbuga nyagiro hamwe n'ibigo bigurisha ibijanye n'amagara y'abantu bahimiriza abagabo kwipimisha no kwivuza ibibazo vy’uno musemburo, bavuga ko ari ngirakamaro kugira umuntu abe uwo bo bafata ko ari "umugabo nyakuri".

  6. Kyiv yaraye isubiye guterwa ibisasu

    Umuriro mu nyubakwa ya Kyiv

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Uburusiya bwasubiye kugaba ibitero vyo mu kirere ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv mw’ijoro ryakeye, ibitero vyahitanye abantu nibura babiri hamwe n’abandi batari bake bakomeretse, nk’uko bivugwa n’umukuru w’ico gisagara, Vitali Klitschko.

    Muri ico gitero, humvikanye ibiturika bitari bike mu gihe uduce twa Sviatoshynskyi na Darnytskyi twariko turaterwa.

    Mu kwezi guheze, Kyiv yagiye igabwako ibitero hakoreshejwe ibisasu vya misire zo mu bwoko bwa ‘ballistique’, ibisasu binyaruka cane kandi bigoye gusama.

    Hagati aho, ikigo ca reta y'Uburusiya kijejwe ivy'inguvu za nikleyeri kivuga ko umuhinga mukuru mu kigo ca nikleyeri co mu ntara ya Zaporizhzhia kigenzurwa n'Uburusiya muri Ukraine yishwe n'igitero ca drone kivugwa ko cagabwe na Ukraine hafi y'ico kigo.

    Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gukurikirana ubuhinga bwa nikleyeri (IAEA) ryongeye gusaba ko ibitero vyose bigabwa ku bibanza vya nikleyeri canke hafi yavyo, hamwe no ku bakozi bahakorera, bihagarara.

  7. Argentine ishobora guhanwa inyuma y'aho abakinyi bayo berekanye icapa c’amazinga ya Falkland ateje impari

    Urukino ruheze, abakinyi ba Argentine biginye intsinzi yabo bafise icapa canditseko ngo "Las Malvinas son Argentinas", bisobanura ngo "Amazinga ya Falkland ni aya Argentine".

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Urukino ruheze, abakinyi ba Argentine biginye intsinzi yabo bafise icapa canditseko ngo "Las Malvinas son Argentinas", bisobanura ngo "Amazinga ya Falkland ni aya Argentine".

    Argentine ishobora gufatirwa ibihano na FIFA inyuma y'aho abakinyi b'ico gihugu biginye intsinzi yabo ku Bwongereza mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry'Igikombe c'Isi, bafise icapa gishigikira ibisabwa na Argentine ku mazinga ya Falkland.

    Argentine, ari na yo ifise igikombe, yaraye itsinze mu buryo bw’agatangaza mu rukino rwariko rubera i Atlanta, mu kwinjiza ibitsindo bibiri mu minota ya nyuma, mu gihe Ubwongereza bumenyerezwa na Thomas Tuchelbwari ari bwo bwari bwabanje kuronka igitsindo hakiri kare, ku munota wa 55.

    Urukino ruheze, abakinyi ba Argentine biginye intsinzi yabo bafise icapa canditseko ngo "Las Malvinas son Argentinas", bisobanura ngo "Amazinga ya Falkland ni aya Argentine".

    Amazinga ya Falkland ari mu bumanuko bushira uburengero bw’ibahari Atlantiki akaba atwarwa n'Ubwongereza, amaze imyaka itari mike ateza indyane hagati ya Argentine n'Ubwongereza kuko ibihugu vyompi biyiyitirira.

    Kuva mu kwa kane gushika mu kwa gatandatu 1982, ibi bihugu vyaratanye mu mitwe bipfa aya mazinga ari ku birometero 482 uvuye ku nkengera z'ubuseruko bwa Argentine.

    Iyi ntambara yamaze imisi 74 yahitanye abasirikare 655 ba Argentine hamwe na 255 b'Abongereza. Abantu batatu bo muri ayo mazinga na bo nyene barahasize ubuzima.

    Mu 2014, FIFA yaraciye ihadabu ry’amafaranga angana n'amapawundi 20.000 Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru rya Argentine inyuma y'uko abakinyi baryo berekanye ibendera ririmwo ubutumwa nk'ubwo imbere y'urukino rwa kivandimwe hagati ya Argentine na Slovénie.

    Ico gihe, FIFA yavuze ko ico gikorwa carenze ku mategeko abuza ibikorwa vya poritike mu mupira w'amaguru be n'inyifato itabereye y’umurwi.

    Inyuma y'intsinzi ya nijoro ku wa gatatu, icegera c’umukuru w’igihugu ca Argentine, Victoria Villarruel, yanditse ku rubuga X ko rutari “urukino rusanzwe", ubutumwa bwariko na videwo yasa y’iyerekana abasirikare ba Argentine.

    Yanditse ati: “Amazinga ya Falkland ni aya Argentine. Baranse ko tuyazana mu kibuga, ariko bibagiye ko tuyagendana mu maraso no mu mitima yacu".

    Mu myiteguro y’uru rukino, Villarruel yari yavuze rwari uburyo bwo "gushira abaduteye mu kibanza cabo”.

    Eka n’inyuma y’intsinzi ya 3-2 mu buryo bw’igitangaza kuri Misiri mu gice c’umunani gishira ica nyuma, abakinyi ba Argentine baririmvye kandi indirimbo zavuga Falkland be n’izihayagiza ibihangange Diego Maradona na Lionel Messi.

    Uru rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, aho Ubwongereza bwatsinzwe ku bitsindo vyinjijwe mu minota ya nyuma na Enzo Fernandez hamwe na Lautaro Martinez, rwabaye umutekano wakomejwe cane kubera kahise kabi k’icuka kibi co kuva muri kahise kirangwa hagati y’ibi bihugu bibiri.

    Ayandi makuru:

  8. Irani yateye ibigo vya gisirikare inyuma y’umupfunda w’ibitero vya Amerika

    Abasirikare ba Irani

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Irani yagavye ibitero bishasha ku birindiro vya gisirikare vya Amerika biri mu bihugu bibanyi vyo mu Kigobe c’Abarabu, mu gihe Amerika yo yabandanije gutera ibibanza bitandukanye biri muri Irani mw’ijoro ryakeye.

    Muri ibi bitero, Ubuyobozi Bukuru bw’Ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) buvuga ko intumbero y’ivyo bitero yari uguhungabanya no kugabanya ubushobozi bwa gisirikare bwa Irani bwo kuyobora ibikorwa vy’intambara n’ubwirinzi bwo mu kirere.

    CENTCOM ivuga ko igisirikare ca Amerika camaze amasaha atandatu gicucagira ibibombe mu turere tutari duke mu ntumbero yo "guhungabanya ubushobozi bwa Irani bwo kubangamira umutekano w’ingendo za gisivire zo mu mazi mu Muhora wa Hormuz".

    Ku rundi ruhande, Tehran (ubutegetsi bwa Irani) ivuga ko yarashe ibibanza bitandukanye muri ako karere, harimwo ibiri muri Yorodaniya, Koweit na Bahreïn, ku musi ugira gatanu w’iyi mishamirano mishasha iriko ita mu kaga amasezerano yari yatanguye kuganirwako yo guhagarika intambara.

    Uku kurasana hagati y’izi mpande zompi kuje inyuma y’aho Perezida Donald Trump wa Amerika agabishirije Irani ko “itegerezwa kwitwara neza”, atari uko naho igakorwako ibindi bitero mu gihe itokwemera gusubira ku meza y’ibiganiro.

    Mw’ijoro ryo ku wa kabiri, Trump yari yavuze ko Amerika yoshobora gutera ibiraro n'ibigo vy’umuyagankuba ari nka hamwe Irani itokwemera gusubira mu biganiro mu ndwi iza.

    Nijoro ku wa gatatu, abanyamakuru bamubajije nimba ashobora gutanga igihe ntarengwa imbere yo kubikora, akaba yishuye ati: "Sinkunda gutanga ibiringo ntarengwa, ariko barabizi neza, barazi ingene bigenda...vyiza bokwigenza neza”.

    Mu nyuma, yabwiye abitavye inama y’umutekano ko Irani itamerewe “neza muri iki gihe".

    Ati: "Barashaka cane ko twumvikana. Ntibahimbawe n'ivyo turiko turakora. Tuzoraba nimba twobandanya ibiganiro canke nimba twohitamwo kurangiza ikibazo mu bundi buryo".

    Mohammad Bagher Ghalibaf, aserukira Irani muri ivyo biganiro, yabwiye ibinyamakuru vya reta ko Tehran ata “gituma yobandanya ikurikiza ayo masezerano" nimba atayizanira inyungu.

    Yavuze kandi ko umutekano w'igihugu ciwe ushingiye ku kuguma kigenzura inyungu zaco mu Muhora wa Hormuz.

    Yongeyeko kandi ko ibiganiro - nk'intambara nyene - biri mu mikenyuro Irani ikoresha mu kwivuna abo bahanganye.

    Iyi mishamirano ibandanya hagati ya Amerika na Irani iriko yerekana ikibanza kidasanzwe Umuhora wa Hormuz ufise mu butunzi bw'isi, kuko yatumye ibiciro vy’igitoro biduga cane, kubera uruja n'uruza rw'amato atwara ibitoro rwagabanutse cane muri iyo nzira kirumara yo mu mazi.

    Ayandi makuru:

  9. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.