Ubushikiranganji bw'Imigenderanire y'Ibihugu vya Iran: Agacerere k'inzego mpuzamakungu kazotuma Israeli irushiriza gukora ibitero

Ahavuye isanamu, DPA
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Irani n'ayandi makungu, Ismail Baghai, yateye ivyatsi ukwiyongera kw'ibitero vya Israel mu bice bitandukanye vya Libani, harimwo n'umurwa mukuru Beirut.
Baghai yavuze ko "agacerere n'ukutagira ico inzego mpuzamakungu zikora" bituma Israel irushiriza gukora ibitero.
Uwo muvugizi kandi yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari umufatanyabikorwa kandi zifise uruhara mu vyaha vyose Israel ikorera muri Libani, mu ntara z'Abanyapalestina no mu karere kose.
Abantu benshi bamaze kwicwa muri Libani mu gihe ibitero vy'igisirikare ca Israel vyarushirije gukara muri iyi misi iheze.
Israel yavuze ko ibi bitero ari ibirondera Hezbollah, umugwi ukorera muri Liban.
Igisirikare ca Israel kandi casavye ababa hafi kimwe c'umunani c'ubutaka bwa Libani kuva mu ngo zabo bakaja mu turere two mu buraruko bw'ico gihugu.
Izindi nkuru wosoma :











