Amamiriyoni y'abantu hirya no hino ku mugabane wa Buraya baraye biboneye ubwirakabiri bw'agatangaza batari bwigere babona muri ako karere k'isi mu myaka hafi 30.
Travis Kelce yavuze bwa mbere ku bukwe bwe na Taylor Swift, ati: "Ni ryo joro ryiza kurusha ayandi mu buzima bwanjye"
Abanyagihugu ba Zambia baritaba amatora y'umukuru w'igihugu n'ay'abashingamateka, igipimo kuri ikigihugu gifatwa nka kimwe mu bihugu vya Afrika vya mbere birangwa n'intwaro ya demokarasi ishinze imizi.
Amerika irarakariye mu buryo butamenyerewe incuti yayo Israel, inyuma y'uko umushikiranganji w'ukwivuna abansi wa Israel ashimangiye ko ingabo ziwe zizoguma mu bumanuko bwa Libani.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira na Latifa Mutesi
Amamiriyoni y’Abanyaburaya biboneye ubwirakabiri batari bwigere babona mu myaka hafi 30
Ahavuye isanamu, Reuters
Amamiriyoni y’abantu hirya no hino ku mugabane wa Buraya baraye
biboneye ikintu kidasanzwe: ubwirakabiri bw’agatangaza batari bwigere babona
muri ako karere k’isi mu myaka hafi mirongo itatu iheze.
Abari ku murongo w’ibihugu vya Espagne mu gice c‘uburaruko,
ugaca muri Iceland no gushika mu bice vya Groenland, biboneye izuba rizimangana
burundu igihe ukwezi kwaca imbere yaryo.
Abantu bari ku birometero amajana ku mpande zompi z'uwo murongo, na bo nyene barabonye
ingene igice c’izuba cazimanganye mu kirere cari gikeye cane.
Igitangaje ni uko Espagne izosubira kwibonera ubundi
bwirakabiri muri Myandagaro (8) umwaka uza. Buzobera mu bumanuko bw'ico gihugu,
bukazoboneka kandi no mu buraruko bwa Afrika hamwe no mu karere ka Arabia
(kagizwe n’ibihugu vya Arabia Sawudite, Yemen, Oman, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu,
Qatar, Koweit, hamwe na Bahrain).
Ahavuye isanamu, PA Media
Insiguro y'isanamu, Mu Bwongereza, isinzi ry'abantu bahuriye ku gasozi kitwa Calton Hill mu karere ka Edinburgh kugira barahe ubwirakabiri
Travis Kelce yavuze bwa mbere ku bukwe bwe na Taylor Swift, ati: "Ni ryo joro ryiza kurusha ayandi mu buzima bwanjye"
Ahavuye isanamu, Jason Howard/Bauer-Griffin/GC Images
Umukinnyi w’umupira w’amaguru wo muri Amerika (American football), Travis Kelce, yavuze ku bukwe bwe na Taylor Swift, avuga ko uwo munsi wari "ijoro ryiza kurusha andi yose mu buzima bwanjye."
Kelce na Swift basezeranye ku wa 3 Nyakanga (7) mu muhango wabereye muri Madison Square Garden i New York. Uwo muhango wari witabiriwe n’ibyamamare byinshi, ariko amakuru menshi awuvugaho yagizwe ibanga.
Kugeza ubu, amakuru make cyane ni yo yari yaratangajwe ku byabereye muri ubwo bukwe. Ibyo Kelce yavuze ku wa gatatu ni byo bya mbere yari atangaje ku bukwe bwabo kuva we na Swift basezerana, mu muhango wayobowe n’umukinnyi wa filime uzwiho gusetsa Adam Sandler.
Kelce yavuze ko ubukwe bwari “ijoro ryiza kurusha ayandi yose mu buzima bwanjye”, ashimira abatumirwa babwitabiriye ndetse avuga ko bwari “ijoro ridasanzwe cyane.”
Uyu mukinnyi wa NFL (National Football League, irushanwa ry'umupira w’amaguru wo muri Amerika) ndetse n’umuhanzi watsindiye ibihembo byinshi bakomeje kugira ibanga amakuru menshi yerekeye ubukwe bwabo kandi kugeza ubu nta mafoto yemewe y’uwo muhango wabereye muri stade arashyirwa ahagaragara.
Mu bari bitabiriye uwo munsi harimo ibyamamare bikomeye bya Hollywood, birimo abakinnyi ba filime Hugh Grant na Jason Sudeikis, umuririmbyi Benson Boone, umunyamideli Gigi Hadid ndetse n’abandi benshi.
Kelce, uzuzuza imyaka 37 mu kwezi k’Ukwakira (10), amaze kwegukana ibikombe bitatu bya Super Bowl akinira ikipe ya Kansas City Chiefs.
Mu mwaka ushize, iyi kipe ntiyabashije kugera mu mikino ya nyuma ya NFL (playoffs) ku nshuro ya mbere mu myaka 10 ishize. Hari benshi batekereza ko shampiyona itangira ukwezi gutaha ishobora kuba iya nyuma kuri Kelce nk'umukinnyi wabigize umwuga, nubwo we ataravuga niba ateganya gusezera ku mupira.
Yagize ati: "Ndacyafite urukundo rwinshi rw’uyu mukino. Ndashaka kujya mu kibuga nkigaragariza ko nkiri umukinnyi ushoboye kurusha uko nagaragaye umwaka ushize."
Kelce yavuze kandi ko “gusubira mu kibuga buri gihe bizakomeza kuba ahantu yumva atekanye kandi yisanzuye.”
Yongeyeho ko gukorana cyane n’abandi bakinnyi, kumarana na bo igihe kinini no kubaka ubufatanye n’imikorere myiza y’ikipe ari ingenzi cyane, kandi ko uyu mwaka bashyizemo imbaraga nyinshi kurushaho.
Zambia mu matora y'umukuru w'igihugu n'ay’abashingamateka
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Abanyagihugu ba
Zambia baritaba amatora y’umukuru w'igihugu hamwe n'abashingamateka, amatora afatwa
nk'igipimo kuri ikigihugu gifatwa nka kimwe mu bihugu vya Afrika vya mbere
birangwa n’intwaro ya demokarasi ishinze imizi.
Hagati aho, hari amakenga
ko umwidegemvyo wa politike uriko urahungabana.
Umukuru w'igihugu,
Hakainde Hichilema, ariko ararondera ikiringo ca kabiri. Benshi bamufata
nk'uwufise amahirwe menshi yo gutsinda inyuma y'uko ashoboye gusubiza igihugu
mu nzira y'iterambere ry'ubutunzi. Ariko rero, ubushomeri hamwe n'iduga ry’ibiciro
vy'ivya nkenerwa mu buzima bwa minsi yose bikiri mu bibazo bikomeye bihanze Zambia.
Abakandida cumi na bane ni bo bari ku rutonde rw'abitoza,
ariko benshi babona ko ihiganwa rikomeye riri hagati y'abakandida babiri gusa.
Uwuhanganye cane na Hichilema ni Brian Mundubile, n’ihuriro ryiwe rishigikiwe
cane n’abanywanyi w’uwahoze ari umukuru w'ico gihugu yitavye Imana, Edgar
Lungu.
Reta Zunze Ubumwe
za Amerika zarakariye mu buryo butamenyerewe incuti yayo Israel, inyuma y'uko umushikiranganji
w'ukwivuna abansi wa Israel ashimangiye ko ingabo ziwe zizoguma mu bumanuko bwa
Libani.
Ubushikiranganji
bwa Amerika bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu bwavuze ko bwiteze ko Israel yubahiriza amasezerano yerekana
urupapuro rw’inzira asaba ko ingabo zayo zikurwa muri ako karere. Buvuga kandi
ko bushigikiye ata guhigimanga ubusugire bw'ubutaka bwa Libani.
Uwo
mushikiranganji, Israel Katz, yavuze ayo majambo mu rugendo yarimwo mu bumanuko
bwa Libani, yongerako ko ingabo ziwe ziriko zirasenyura amazu yose ari muri ako
karere.
Umushikiranganji
wa mbere wa Libani, Nawaf Salam, yavuze ko iyi ngendo ya Israel yo kubomagura
amazu n’ibigirankana ari uguhonyanga amategeko mpuzamakungu.
Amasezerano
ategekanya ko Israel ikura ingabo zayo muri utwo turere mu gihe ingabo za
Libani ziriko zirinjira kwaka ibirwanisho umuhari Hezbollah.
Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko Kyiv yakoresheje misile, indege za gisirikare ndetse na drones zo mu mazi mu cyo yise “igikorwa kidasanzwe” kigamije kugaba igitero ku birindiro by’ingabo z’Uburusiya. Gusa, ntiyigeze avuga ko ibigo byohereza ibinyampeke mu mahanga byangijwe.
Ikigo gikomeye gicuruza ibinyampeke cyemeje ko ikigo cyacyo cyangijwe n’iki gitero, mu kiganiro cyahaye ibiro ntaramakuru by’Uburusiya TASS. Ni mu gihe ikindi cyabihamirije Reuters ndetse n’ikinyamakuru cyo mu Burusiya RBK .
Kugeza ubu, Uburusiya ntiburagira icyo butangaza ku byangijwe n’ibi bitero.
Ahandi muri ako gace, guverineri w'akarere ka Krasnodar, Veniamin Kondratyev, yavuze ko umuntu umwe yishwe n’ibisigazwa bya ‘drone’ byaguye hasi.
Ku rundi ruhande, Uburusiya na bwo bwagabye ibitero byo mu kirere muri Ukraine hagati yo ku wa Kabiri no ku wa Gatatu, bihitana nibura abasivili 11.
Abenshi muri bo bapfiriye mu mujyi wa Zaporizhzhia wo mu majyepfo ya Ukraine, nyuma y'uko Uburusiya buwugabyeho misile za ballistique n'ibisasu biyoborwa bishyirwa ku ndege (glide bombs).
Ku wa Gatatu, umuvugizi wa Minisiteri y’Ububanyi n’Amahanga y’Uburusiya, Maria Zakharova, yashinje Ukraine kugaba ibitero ku bikorwa remezo by’Uburusiya byifashishwa mu buhinzi no kohereza ibinyampeke mu mahanga, avuga ko ibyo bishobora gutuma ibiciro by’ibiribwa ku isi byongera kuzamuka ndetse bikongera ikibazo cy'ibura ry'ibinyampeke.
Kuva Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin yatangiza igitero simusiga kuri Ukraine mu mwaka wa 2022, isi yakomeje guhangayikishwa n'ingaruka z'iyo ntambara ku mutekano w'ibiribwa.
Uburusiya na Ukraine biri mu bihugu byohereza hanze umusaruro munini w'ibinyampeke, bityo ibikorwa byose bihungabanya ibyambu n'inzira z'ubucuruzi bwo ku Nyanja y'Umukara bishobora kugira ingaruka ku bihugu byinshi bishingira kuri ibyo biribwa.