Papa Léon yaneguye bikomeye ubuzima bwo mu mabohero n’akarenganyo muri Guinée Équatoriale

Ahavuye isanamu, Reuters
Papa Léon yaneguye bikomeye ubuzima bubi bwo mu mabohero hamwe n’akarenganyo kari hagati y’abatunzi n’abakene muri Guinée Équatoriale, ku musi wa nyuma w’urugendo rwiwe muri Afurika.
Yasavye abategetsi kwubahiriza agateka ka zina muntu no gukoresha ubutunzi kamere bw'igihugu ku neza ya bose.
Mu majambo yashikirije mu Bazilika ya Immaculée Conception i Mongomo, igisagara c'amavuko ca prezida Teodoro Obiang Nguema, Papa yavuze ko abanyororo bakunze gufungirwa mu "buzima buteye amaganya mu vy’isuku n’amagara” yongera asubira guhamagarira ubutungane n'umwidegemvyo.
Yasavye kandi ko ubutunzi bw'igitoro bw'ico gihugu bugirira akamaro rusangi aho gukorera "inyungu z'umuntu ku giti ciwe", agabisha ku bijanye n'ubusumbane buguma bwiyongera hagati y'abatunzi n'abakene.
Ku musi wa gatatu, Papa Leo yategerezwa kugendera ibohero ricunzwe cane i Bata, ahantu amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko hafungirwamwo abanyepolitike n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Papa yakoresheje imvugo ikomeye mu rugendo rwiwe muri Afrika, atera akamo amakungu annanegura ubusumbane, agacinyizo hamwe n'ubutegetsi bubi.
Leta ya Prezida Obiang irahakana ivyo yagirizwa vyose vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu hamwe n'igiturire.
Izindi nkuru wosoma:









