Amerika
yakuyeho ingingo yo kuzibira ubwato buva mu bivuko vya Iran inyuma y’uko
ibihugu vyompi bishize umukono ku masezerano yo guhagarika intambara yo mu
Buseruko bwo Hagati.
Bumwe
mu biro bikuru by’ingabo za Amerika (US Central Command) bwemeje, bubicishije
ku rubuga X, ko ico gikorwa co kuzibira ubwato cahagaritswe “hisunzwe
amabwirizwa ya Perezida”.
Ariko
bwamenyesheje ko bumwe mu bwato bwa gisirikare bwa Amerika buzoguma hafi y’ako
karere.
Umwanya
muto inyuma y’ivyo, Umutegetsi w’ikirenga wa Iran, Mojtaba Khamenei, yavuze ko
yemeye ayo masezerano na Amerika n’ubwo avuga ko afise ukundi abibona, ariko
aha ntiyasiguye ico yashatse kuvuga.
Yavuze
ko yemeye ko ayo masezerano aja mu ngiro inyuma y’aho yijejwe na Perezida wa
Iran, Masoud Pezeshkian, ko azorinda “uburenganzira bw’ihanga rya Iran”.
Khamenei
yavuze ko Perezida Trump “kubera umwiheburo, yakoresheje uburyo bwose bushoboka
bwo kwotsa igitutu” kugira ngo ayo masezerano ashobore gushikwako.
Yashimangiye
ko n’ubwo mu misi iri imbere hagiye kubaho “ibiganiro vy’imbonankubone” hagati
ya Tehran na Washington, ivyo “ntibizosigura kwemera ivyifuzo canke ivyiyumviro
vy’umwansi”.
Ni
ubwa mbere Khamenei ashikirije iciyumviro ciwe kuri ayo masezerano.
Nta
n’umwe aramubona ku mugaragaro kuva aho atanguriye amabanga yo kurongora ico
gihugu muri Ntwarante (3), inyuma y’urupfu rwa se ari na we yasubiriye,
Ayatollah Ali Khamenei, yishwe mu bitero vya Amerika na Israel vyagabwe
kuri Iran ku wa 28 Ruhuhuma (2), bikaba ari vyo vyatumye intambara yo muri ako
karere isutama.
Trump
ntiyishuye mu buryo bugaragara iryo tangazo rya Khamenei. Ariko yacishije
ubutumwa ku rubuga rwa Truth Social avuga ko yiteze ko agahengwe gatangura
gukurikizwa “mu duce twose tw’urwasiro”, harimwo no hagati ya Israel na
Hezbollah, umuhari wo muri Libani ushigikiwe na Iran.
Yavuze
kandi ko yizeye ko ibihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati bizoguma “vyubahiriza
ivyo vyiyemeje kugira ibiganiro vyacu” bishobore kubandanya.