Amafoto adasanzwe mu birori vyo sa kwugurura inkino za Olempike Paris 2024

Ibirori yo kwugurura Inkino za Olempike i Paris 2024
    • Umwanditsi, George Burke
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Ibirori vyo kwugurura inkino za Olempike biha igihugu cazakiriye akaryo ko kwereka isi yose ibitangaza vyaco mu birori bidasanzwe kandi vyihariye.

Ni vyo vyaraye bibaye mu kwugurura Inkino za Olempike za Paris 2024 - abaziteguye bahevye umuco kama w'ibirori, maze ziba inkino za mbere za Olempike zigururiwe mu gisagara cose aho kuzugururira mu kibuga.

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanonotsi n'abanyatugenegene bakoze urugendo ku ruzi Seine ku mugoroba w'imvura, imbere y'uko ikirere c'ijoro n'Umunara wa Eiffel vyakirizwa amatara y'amabara y'akaroruhore kandi ku buhinga bwo hejuru, ikirori cihariye.

Raba amwe mu mafoto y'akaroruhore yaranze iri joro ryakeye.

Umunara wa Eiffel

Inyuma y'urugendo rw'amezi atatu kuva mu Bugiriki gushika i Paris, urumuri rwa Olempike rwashikirijwe Zinedine Zidane yahoze ari umukinyi w'umupira w'Ubufaransa, imbere yo gushikirizwa ibihangange mu rukino rwa tennis Rafa Nadal na Serena Williams.

Urumuri rwa Olempike
Rafael Nadal wa Espagne hamwe na Serena Williams na Carl Lewis bikoreye uru rumuri rwa Olempike baboneka bari mu bwato ku ruzi Seine mu birori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024
Insiguro y'isanamu, Rafael Nadal wa Espagne hamwe na Serena Williams na Carl Lewis bikoreye uru rumuri rwa Olempike baboneka bari mu bwato ku ruzi Seine mu birori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024

Muri ivyo birori vy'akataraboneka, umukinyi wa judo Umufaransa Teddy Riner hamwe n'umunonotsi yiruka intera ngufi Marie-Jose Perec bakoresheje uru rumuri rwa Olempike mu kudomeka iziko ry'igipulizo kinini cane categerezwa kugururirwa mu kirere.

Iki gipulizo kinini caka cane caguruwe hejuru y'igisagara ca Paris nk'ikimenyetso c'uko izi nkino za mbere zikomeye kw'isi zitanguye.

Igipulizo
 Marie-Jose Perec na Teddy Riner
Iziko ry'iki gipulizo n'urubeya rwa Olempike

Umwotsi ufise amabara y'ibendera ry'umurwi w'Ubufaransa wabonetse ku kiraro ca Austerlitz muri ibi birori vyo kwugurura Inkino za Olempike Paris 20204 nijoro ku wa 26 Mukakaro (7) 2024 i Paris mu Bufaransa.

Umwotsi ufise amabara y'ibendera ry'umurwi w'Ubufaransa wabonetse ku kiraro ca Austerlitz muri ibi birori vyo kwugurura Inkino za Olempike Paris 20204 nijoro ku wa 26 Mukakaro (7) 2024 i Paris mu Bufaransa.
Insiguro y'isanamu, Umwotsi ufise amabara y'ibendera ry'umurwi w'Ubufaransa wabonetse ku kiraro ca Austerlitz muri ibi birori vyo kwugurura Inkino za Olempike Paris 20204 nijoro ku wa 26 Mukakaro (7) 2024 i Paris mu Bufaransa.

Abafana n'abarorerezi batamariwe bari barindiranye igishika ibi birori, kandi n'imvura yariko irabanyagira ntaco yababwiye.

Abafana n'abarorerezi batamariwe bari barindiranye igishika ibi birori, kandi n'imvura yariko irabanyagira ntaco yababwiye.
Uno mugore yatamariwe ariko ararrorera ibi birori, inzara ziwe zari zisize n'amabendera n'ibimenyetso vy'ibihugu bitandukanye.
Insiguro y'isanamu, Uno mugore yatamariwe ariko ararrorera ibi birori, inzara ziwe zari zisize n'amabendera n'ibimenyetso vy'ibihugu bitandukanye.
Abarorerezi bari bicaye imbere y'umunara wa Eiffel imvura ari je je je.
Insiguro y'isanamu, Abarorerezi bari bicaye imbere y'umunara wa Eiffel imvura ari je je je.

Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yari yitavye ibi birori ari kumwe n'umukuru wa komite mpuzamakungu ya Olempike Thomas Bach.

Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yari yitavye ibi birori ari kumwe n'umukuru wa komite mpuzamakungu ya Olempike Thomas Bach.
Insiguro y'isanamu, N'akamwemwe, Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yari muri ibi birori ari kumwe n'umukuru wa komite mpuzamakungu ya Olempike Thomas Bach.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene yarabutswe ariko arorera ibi birori, asa n'uwari yiteguriye imvura yariko iragwa.

Uyo yambaye impuzu isa n'ubururu yo kwikinga imvura ni umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene yari muri ibi birori ari kumwe n'abandi banyacubahiro.
Insiguro y'isanamu, Uyo yambaye impuzu isa n'ubururu yo kwikinga imvura ni umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene yari muri ibi birori ari kumwe n'abandi banyacubahiro.

Ivyamamare bitari bike vyari vyitavye ibi birori, harimwo umuririmvyikazi wa Amerika Ariana Grande ari kumwe na mugenziwe w'Umwongerezakazi Cynthia Erivo.

Ivyamamare bitari bike vyari vyitavye ibi birori, harimwo umuririmvyikazi wa Amerika Ariana Grande ari kumwe na mugenziwe w'Umwongerezakazi Cynthia Erivo.

Nk'uko vyari vyitezwe, ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare n'abapolisi bari banyanyagijwe mu gisagara cose mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano .

Nk'uko vyari vyitezwe, ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare n'abapolisi bari banyanyagijwe mu gisagara cose mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano .
Abajejwe umutekano bari bashizwe ku gisenge c'ingoro y'inama nshingamateka y'Ubufaransa mu gihe c'ibirori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024.
Insiguro y'isanamu, Abajejwe umutekano bari bashizwe ku gisenge c'ingoro y'inama nshingamateka y'Ubufaransa mu gihe c'ibirori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024.

Muri ico gihe cose c'ibirori, umuntu w'amayobera yiyoberanije mu maso yikoreye urumuri yaguma yiruka mu gisagara aca hejuru y'amazu ku nkengera z'uruzi.

Muri ico gihe cose c'ibirori, umuntu w'amayobera yiyoberanije mu maso yikoreye urumuri yaguma yiruka mu gisagara aca hejuru y'amazu ku nkengera z'uruzi.
Umuntu yiyoberanije yari afise urumuri yabonetse yiruka aca ku gisenge c'inzu ndangakaranga ya Orsay (Musee d'Orsay) hamwe no kw'Isengero nkuru ya Notre-Dame-de-Paris muri ivyo birori
Insiguro y'isanamu, Umuntu yiyoberanije yari afise urumuri yabonetse yiruka aca ku gisenge c'inzu ndangakaranga ya Orsay (Musee d'Orsay) hamwe no kw'Isengero nkuru ya Notre-Dame-de-Paris muri ivyo birori

Amato y'imirwi yaserukiye ibihugu bitandukanye kw'isi yose, bazungurutse mu ruzi Seine, bafise n'amabendera n'ibihugu vyabo mu munezero.

Umwibizi w'Umwongereza Tom Daley hamwe na Helen Glover ahiganwa mu kugendesha ubwato bikoreye ibendera ry'igihugu cabo.

Umwibizi w'Umwongereza Tom Daley hamwe na Helen Glover ahiganwa mu kugendesha ubwato bikoreye ibendera ry'igihugu cabo.
Umurwi waserukiye Ubugiriki
Abanonotsi b'Ubuhindi
Insiguro y'isanamu, Abanonotsi b'Ubuhindi
Abanonotsi basesukiye Kenya bifotoje imbere y'uko ibirori bitangura
Insiguro y'isanamu, Abanonotsi basesukiye Kenya bifotoje imbere y'uko ibirori bitangura
Abanonotsi ba Espagne bazungagiza amabendera y'igihugu cabo mu birori vyo kwugurura
Insiguro y'isanamu, Abanonotsi ba Espagne bazungagiza amabendera y'igihugu cabo mu birori vyo kwugurura
Abanonotsi b'Ubushinwa Yu Feng na Long Ma, n'amabendera y'igihugu cabo mu bwato mu ruzi Seine
Insiguro y'isanamu, Abanonotsi b'Ubushinwa Yu Feng na Long Ma, n'amabendera y'igihugu cabo mu bwato mu ruzi Seine

Ibi bikorwa vyaranzwe n'ibirori vy'ubwoko bwose uhereye kuri Lady Gaga, abacuraranzi bo mu bubare, abahinyanyuzi batandukanye gushika no kuri Celine Dion.

Lady Gaga
abatamvyi
 Umuhinga wo kugendera ku mugozi Nathan Paulin ari ku mugozi umanitse hejuru cane mu gihe abanonotsi bari mu rugendo ku ruzi Seine hafi ya sentare nkuru y'igihugu muri ibi birori
Umwotsi
Abanyatugenegene bambaye amakanzu yera bahagaze ku kiraro Alexandre III mu birori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024 mu gihe ubwato bwaca musi yabo.
Insiguro y'isanamu, Abanyatugenegene bambaye amakanzu yera bahagaze ku kiraro Alexandre III mu birori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024 mu gihe ubwato bwaca musi yabo.
Umuririmvyikazi wa Canada Celine Dion yaririmbiye ku Munara wa Eiffel muri ibi birori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024 nijoro ku wa 26 Mukakaro 2024
Insiguro y'isanamu, Umuririmvyikazi wa Canada Celine Dion yaririmbiye ku Munara wa Eiffel muri ibi birori vyo kwugurura inkino za Olempike Paris 2024 nijoro ku wa 26 Mukakaro 2024