Pasika mu mafoto: Ingene yahimbajwe mu bice bitandukanye vy'isi

Yatangajwe

Kuva mw'ijoro rya Pasika ku wa gatandatu, ibirori birabandanya mu mpande zitandukanye z'isi yose mu guhimbaza umusi mukuru ukomeye cane mu kirangamisi c'abakristu/Abakristo: Pasika.

Yezu/Yesu yazutse ku wa Mungu wa Pasika, nk'uko Bibiliya ibivuga, inyuma y'imisi apfiriye ku musaraba ku wa Gatanu Mweranda. Ni umugenzo ku batari bake kwitabira imisa y'umugoroba wo ku wa gatandatu buca ari uwa Mungu wa Pasika.

Ng'aya mamwe mu mafoto y'ingene vyagenze.

Inyuma y'umusi umwe vyanse ko yitabira ibirori ku munota wa nyuma, Papa Fransisko yitabiriye igiteramo c'amasaha abiri i Vaticano
Insiguro y'isanamu, Inyuma y'umusi umwe vyanse ko yitabira ibirori ku munota wa nyuma, Papa Fransisko yitabiriye igiteramo c'amasaha abiri i Vaticano
Igihe vyankiye ko Papa Fransisko yitabira urugendo rwo ku wa Gatanu Mweranda, abatari bake baciye batangura kugira amakenga ku magara yiwe.
Insiguro y'isanamu, Igihe vyankiye ko Papa Fransisko yitabira urugendo rwo ku wa Gatanu Mweranda, abatari bake baciye batangura kugira amakenga ku magara yiwe.
Yasomye ijambo rirerire hanyuma arabatiza n'abatari bake imbere y'ubutumwa bwiwe bwa Pasika mu gatondo ko kuri uno wa Mungu
Insiguro y'isanamu, Yasomye ijambo rirerire hanyuma arabatiza n'abatari bake imbere y'ubutumwa bwiwe bwa Pasika mu gatondo ko kuri uno wa Mungu
Muri Philippines, abakristu barundaniye ku ngazi kugira ngo bashobore kubona urugendo rwa Pasika
Insiguro y'isanamu, Muri Philippines, abakristu barundaniye ku ngazi kugira ngo bashobore kubona urugendo rwa Pasika
Mu ntara ya Grand Manille/Metro Manila muri Philippines, abana bambaye nk'abamalayika baboneka bariko barasenga imbere y'ibirori vy'ijoro rya Pasika
Insiguro y'isanamu, Mu ntara ya Grand Manille/Metro Manila muri Philippines, abana bambaye nk'abamalayika baboneka bariko barasenga imbere y'ibirori vy'ijoro rya Pasika
Ahitwa Fort Jesus mu karere ka Kibera k'umugwa mukuru wa Kenya Nairobi, abakristu bakiri bato hamwe n'abakuze bakoraniye hamwe badomeka amabuji
Insiguro y'isanamu, Ahitwa Fort Jesus mu karere ka Kibera k'umugwa mukuru wa Kenya Nairobi, abakristu bakiri bato hamwe n'abakuze bakoraniye hamwe badomeka amabuji
Abapatiri bayoboye imisa mu gucana ibicaniro hanze y'isengero imbere yo kwinjira
Insiguro y'isanamu, Abapatiri bayoboye imisa mu gucana ibicaniro hanze y'isengero imbere yo kwinjira
Muri Iraki, naho nyene ntibasigaye inyuma, aha umwana yafotowe yegereye kugira asome umusaraba mu gihe c'ibirori vya Pasika
Insiguro y'isanamu, Muri Iraki, naho nyene ntibasigaye inyuma, aha umwana yafotowe yegereye kugira asome umusaraba mu gihe c'ibirori vya Pasika
Muri Repubulika ya Tchèque, ibirori vyo guhimbaza Pasika vyabereye ku Kirimba ca Prague (umugwa mukuru) mu kwibuka ubuzima bwa Yezu Kristu/Yesu Kristo
Insiguro y'isanamu, Muri Repubulika ya Tchèque, ibirori vyo guhimbaza Pasika vyabereye ku Kirimba ca Prague (umugwa mukuru) mu kwibuka ubuzima bwa Yezu Kristu/Yesu Kristo