Korea y'Epfo isaba iya Ruguru gusaba ikigongwe ku bisasu vyakomerekeje abasirikare batatu

    • Umwanditsi, Koh Ewe
    • Umwanditsi, Jake Kwon
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Seoul
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Igisirikare ca Korea y'Epfo casavye Korea ya Ruguru gusaba ikigongwe inyuma y'ibisasu bitegwa mu kuzimu (mine) biherutse guturikira ku rubibe ruhuza ivyo bihugu vyompi, bigakomeretsa abasirikare ba Korea y'Epfo muri uku kwezi.

Abasirikare batatu ba Korea y'Epfo barakomeretse ku wa 21 Nyakanga (9) 2026, inyuma y'aho ibisasu vya mine biturikiye mu gace kitwa DMZ (Demilitarised Zone/Zone Démilitarisée), akarere kabujijwemwo ibikorwa vya gisirikare gatandukanya Korea zompi.

Ku wa kabiri, Korea y'Epfo yavuze ko ibi bisasu vyaturikiye ku ruhande rwayo rwa DMZ, "bishoboka cane" ko vyatezwe na Korea ya Ruguru. Yaboneyeho kumenyesha ishimitse ko izofata "ingingo zibereye", ivuga ko ico gikorwa carenze ku masezerano y'agahengwe amaze imyaka mirongo yubahirizwa.

Korea ya Ruguru irahakana uruhara urwo ari rwo rwose muri ivyo biturika, ivuga ko ivyo Seoul (ubutegetsi bwa Korea y'Epfo) iyagiriza ata shingiro bifise kandi ko ari "ububeshi bwambaye ubusa" bugamije kwongerereza icuka kibi hagati z'izi Korea zompi.

Kim Yo Jong, mushiki wa Kim Jong Un indongozi ya Korea ya Ruguru kandi afise ububasha bukomeye mu ntwaro, yagirije Korea y'Epfo "gutegura" ibi birego irondera "agasomborotso ka poritike na gisirikare".

Kim Yo Jong yamirira kure ibirego vy'uko ingabo za Korea ya Ruguru zoba zarajabutse urubibe zigiye gutega ibi bisasu, avuga ko ibi ari "amanyanga yateguwe mu ntumbero yo kwegeka ukwiyongera kw'icuka kibi" kuri Korea ya Ruguru.

Mw'itangazo ryacishijwe mu binyamakuru vyegamiye reta kuri uno wa gatatu, Kim Yo Jong yihanikirije Korea y'Epfo ko ikwiye "kwitegurira ingaruka z'aya manyanga yo nyene ubwayo yateguye".

Korea y'Epfo ivuga ko bizwi ko ibi bisazu vyatezwe na Pyongyang (ubutegetsi bwa Korea ya Ruguru) mu ntumbero yo gukomeza urubibe rwayo. Mw'itangazo ryo kuri uno gatatu, yasavye Korea ya Ruguru gusaba ikigongwe kuri ibi biturika no guhagarika ubwo nyene ibikorwa vyose bijanye no gukomeza urubibe.

Umushikiranganji w'ukwivuna abansi wa Korea y'Epfo, Kang Shin-chul, yari yavuze ku wa kabiri ko ivyo biturika ari ihonyangwa ryeruye ry'amasezerano y'agahengwe yo mu 1953 yahagaritse Intambara ya Korea.

Aya masezerano yatumye hashirwaho akarere ka DMZ k'ubwaguke bw'ibirometero bine, karimwo umurongo wa gisirikare utandukanya Korea ya Ruguru na Korea y'Epfo ku butaka.

Mu myaka mirongo iheze kuva ayo masezerano ateweko igikumu, hagiye haduka imishamirano y'igihe gito n'ituritswa ry'ibisasu vya mine bitegwa mu kuzimu muri ako karere ka DMZ.

Mu 2015, abasirikare babiri ba Korea y'Epfo baramugajwe n'ivyo bisasu bitegwa mu kuzimu igihe bari mw'irondo kuri ako karere. Seoul yavuze ico gihe ko ayo ivyo bisasu vyari vyatezwe mu mpisho n'abasirikare ba Korea ya Ruguru hafi y'ikirindiro cayo ca gisirikare, ivyo na vyo Pyongyang yaciye ihakana.

Mu butumwa bwiwe bwo ku wa gatatu, Kim Yo Jong yagarutse kuri ivyo vyabaye mu 2015, avuga ko Korea y'Epfo yabikoresheje ico gihe nk'urwitwazo rwo gutuma icuka kibi cinyuka, kandi ko ari na vyo iriko irakora ubu.

Umubano hagati ya Pyongyang na Seoul wabandanije utituka kuva mu 2015, ivyo bikaba vyongereza akaga k'uko ibintu bishobora kuba nabi igihe habaye ibibazo nk'ibi.

Christopher Green, umuhinga mukuru mw'ishirahamwe Crisis Group, yabwiye BBC ko "Korea ya Ruguru igenda igerageza gukomeza urubibe no gusenyura n'ibigirankana imigenderanire hagati ya Korea zompi".

Yavuze kandi ko ubu Korea ya Ruguru na Korea y'Epfo zitagihanahana amakuru ku rwego rwo hasi ku rugero zariko mu 2015.

Yavuze ko ubushamirane bushobora kwaduka giturumbuka hagati ya Korea zompi butari kure, kandi ko ubu bishobora kuba vuba kurusha uko vyari bimeze mu 2015.

Ubuyobozi bw'ingabo z'Ishirahamwe ONU zigenzura iyubahirizwa ry'amasezerano y'agahengwe (buzwi nka UNC mu mpfunyapfunyo), bwakoze itohoza ahabereye ibi biturika bufadikanije n'igisirikare ca Korea y'Epfo, bukavuga ko ikibazo c'ukurenga ku masezerano yo mu 1953 kizokwigwa biciye mu nzego zisanzwe zarashinzwe kugira ngo zihagararire ayo masezerano.

Buvuga buti: "UNC yariyemeje kubungabunga no gushira mu ngiro Amasezerano y'Agahengwe no kurangura inshingano zayo zo kubungabunga umutekano no gukinga ukwiyongera kw'imishamirano muri Korea".