Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Abarundi hafi 7.000 bamaze gutaha bava muri Kenya

Abategetsi mu Burundi bavuga ko Abarundi hafi 7.000 bamaze gutaha bava muri Kenya kuva muri ico gihugu havuzwe ko ata munyamahanga yemerewe gukora ubucuruzi buciriritse no gutembereza ibicuruzwa.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi. Aha ni ho dusoreje amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo nanone mu yindi gahunda nk'iyi.

  2. Abarundi hafi 7.000 bamaze gutaha bava muri Kenya

    Abarundi hafi 7.000 baramaze gutaha bava muri Kenya, kuva muri ico gihugu havuzwe ko ata munyamahanga yemerewe gukora ubucuruzi buciriritse no gutembereza ibicuruzwa.

    Vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe imigenderanire.

    Iyo ngingo yo guhagarika ubucuruzi buciriritse ku banyamahanga muri Kenya yari gutangura gushirwa mu ngiro itariki 7 ukwezi kw’icenda, inyuma y’aho umukuru w’igihugu William Ruto avugiye ko hari imirimo yemerewe Abanya-Kenya gusa.

    Mu nyuma ariko reta ya Kenya yarisubiyeko ivuga ko umunyamahanga wese yisunze amategeko afise umwidegemvyo wo gukorera muri Kenya.

    Ariko abanyamahanga bamwe bamwe, na cane cane Abarundi, bari bamaze gutangura gutaha.

    Kuva kuri iyo tariki ya 7, ku buserukizi bw’Uburundi ku murwa mukuru Nairobi Abarundi bari amajana baje kurondera impapuro zo gusubira mu gihugu.

    Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za reta y’Uburundi, uw'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire, Carine Nduwayo, yavuze ko gushika ubu hamaze gutaha "abagabo 6309, abagore 593 n’abana 86 bafise munsi y’imyaka itanu".

    Uwo muvugizi yavuze ko abo bose baciye muri Tanzania, binjirira ku mupaka wa Kobero.

    Yahakanye inkuru zivuga ko hari abagipfungiwe muri Tanzania, anavuga ko gushika ubu ata muntu yapfuye muri uko gutaha kw’Abarundi bavuye muri Kenya.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Ibyabereye ku kibuga cy'indege cya gisirikare mu Bwongereza birimo 'ibiganza by'umunyamahanga' – Rubio

    Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’Amerika Marco Rubio yavuze ko umugambi ucyekwa ko ari uw’iterabwoba wabereye ku kibuga cy’indege cya gisirikare cya Fairford mu Bwongereza “biragaragara neza ko urimo ibiganza by’umunyamahanga”.

    Mu kiganiro ku wa mbere yagiranye n’igitangazamakuru Fox News, Rubio yagize ati: “Ntekereza ko hano biduhuza n’ukuri, kandi ko duhanganye n’abantu bo ku isi, ndetse urugero nko kuri Iran, bakangishije ku mugaragaro gutera inyungu z’Amerika zo hirya no hino ku isi.”

    Nta gihamya yatanze cyangwa andi makuru. Tehran yahakanye yivuye inyuma kugira uruhare mu byabaye.

    Ku cyumweru gishize, hatangajwe ko habaye ikintu gikomeye nyuma yuko “imodoka ziteye amakenga” zibonywe hafi y’ikibuga cy’indege cya gisirikare cy’Ubwongereza kiri mu karere ka Gloucestershire, mu majyepfo ashyira uburengerazuba bw’igihugu, cyakomeje gukoreshwa n’ingabo z’Amerika mu kugaba ibitero kuri Iran.

    Abatuye mu ngo zibarirwa muri za mirongo barahungishijwe nyuma yuko imodoka eshatu zimenyeshejwe polisi mu gitondo cyo ku cyumweru.

    Abagabo batanu, bose b’Abongereza bari mu kigero cy’imyaka 20, batawe muri yombi bacyekwaho ibyaha by’iterabwoba, nuko nyuma barekurwa by’agateganyo.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Burkina Faso: Ibrahim Traoré yafunguye uruganda rwa mbere rutunganya zahabu i Ouagadougou

    Burkina Faso yafunguye uruganda rwa mbere rutunganya zahabu, mu gihe ubutegetsi bwa gisirikare bw’icyo gihugu bushaka kurushaho gutunganya umutungo wacyo w’amabuye y’agaciro ugatunganyirizwa imbere mu gihugu, no kugenzura cyane urwo rwego ruri mu z’ingenzi cyane z’icyo gihugu.

    Kapiteni Ibrahim Traoré, umukuru w’agatsiko kari ku butegetsi, yavuze ko icyo gikorwa kiri muri gahunda ngari yo guhagarika gucungira ku kohereza mu mahanga umusaruro wa Burkina Faso ngo ube ari ho ujya gutunganyirizwa.

    Mu muhango wo gutaha urwo ruganda wabaye ku wa mbere mu murwa mukuru Ouagadougou, yagize ati: “Turashaka gutunganyiriza amabuye yacu hano... turashaka ko uruhererekane rwose rw’inyongeragaciro ruba ruri hano.”

    Burkina Faso ni kimwe mu bihugu by’Afurika bicukurwamo zahabu nyinshi cyane ariko abategetsi bakomeje kugorwa no gushyira ku murongo urwego rw’ubucukuzi bukorwa mu buryo butemewe n’amategeko, rwashegeshwe n’urugomo rw’imitwe yitwaje intwaro yiyitirira idini rya Isilamu.

    Ubutegetsi bwa Traoré bwizeye ko urwo ruganda rushya rushobora gutuma iki gihugu, kidakora ku nyanja cyo muri Afurika y’uburengerazuba, gihinduka ihuriro ry’ibikorwa byo mu karere byo gutunganya zahabu.

    Mu myaka ibiri ishize, ubwo umusaruro wa zahabu wari ukomeje kwiyongera, ubutegetsi bwa Traoré bwashyizeho kompanyi y’igihugu ishinzwe ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro.

    Kuri ubu kompanyi z’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro zo mu mahanga zisabwa ko leta izigiramo umugabane ungana na 15% ndetse zigaha amahugurwa abakozi bo muri Burkina Faso bazikoramo.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Qalibaf: “Nitutashora ibitoro, nta n’umwe azobishora muri aka karere”

    Umukuru w’Inama Nshingamateka ya Irani, Mohammad Baqer Qalibaf, yagabishije ko Irani nitashobora kugurisha ibitoro vyayo, ata n’uwundi azobigurisha muri ako karere.

    Yongeyeko ko umutekano wa Irani nutabungabungwa, ata nyubakwa ihambaye n’imwe yo muri ako karere izoba iri mumutekano.

    Qalibaf yabivuze ku wa mbere mu majambo yashikirije imbere y’uko ibikorwa vy’inama nshingamateka bitangura. Iyo nama yabereye ku buhinga bwa internet.

    Yavuze ko abanyagihugu ba Irani “badakwiye na rimwe guterwa ubwoba”.

    Yongeyeko ati: “Amerika nitatahura uku kuri kw’ishimikiro, izobandanya kuronka inyishu zikomeye zivuye ku gihugu ca Irani.”

    Ebrahim Azizi, arongoye umurwi w’Inama Nshingamateka ujejwe umutekano w’igihugu n’imigenderanire n’ayandi makungu, yari aherutse kuvuga ko Irani yiteguriye kwishura intambara ikomeye kurusha iyamaze imisi 40.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Burundi: Umuvugizi w’igisirikare aremeza ko hari intwazangabo zibiri zipfungiwe muri congo

    Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Général de Brigade Gaspard Baratuza, yemeje ko Major Jérémie Nitunga na Capitaine Félicien Kanjori , abasirikare babiri b’uburundi, bafatiwe muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, ariko ahakana ko bapfungiwe i Kinshasa.

    Mu kwishura ikibazo c’umumenyeshamakuru mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za reta cabereye i Ngozi kuri uyu wa kabiri, Baratuza yavuze ko abo basirikare bari ku cicaro c’igisirikare i Baraka, muri Kivu y’Epfo, aho bariko barakorwako amatohoza.

    Yavuze ko abo basirikare bagiye aho igisirikare cari gishinze ikirindiro, batangura gufata amashusho y’aho hantu. Ivyo ngo ni vyo vyatumye bafatwa kugira hamenyekane neza igituma bariko barafata ayo mashusho.

    Baratuza yavuze ko igisirikare c’Uburundi kiriko kirakurikiranira hafi ayo matohoza, asaba ko abantu borindira ico azovamwo kuko ari igikorwa gisanzwe mu gisirikare.

    Ivyo yabivuze inyuma y’amakuru yakwiragiye ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko izo ntwazangabo zafashwe n’igisirikare ca DR Congo ciketse ko ari abasumyi b’urusaku b’u Rwanda, zigaca zijanwa gupfungirwa i Kinshasa. Ayo makuru yavuga kandi ko igisirikare c’Uburundi ataco kirakora.

    Baratuza yahakanye kandi amakuru avuga ko abasirikare ba Tanzania binjiye mu Burundi, bakambara impuzu z’igisirikare c’Uburundi kugira baje kugifasha kurwana muri DR Congo.

    Yavuze ko igisirikare c’Uburundi kiri muri DR Congo mu buryo bwemewe, ko rero ata cotuma gihisha abasirikare bari muri ico gihugu. Yongeyeko ko ata masezerano Uburundi na Tanzania bifitaniye yo guhanahana abasirikare.

  7. Infantino avuga ko hari amafaranga menshi azohabwa abanywanyi ba FIFA

    Perezida wa FIFA, Gianni Infantino, yavuze ko amashirahamwe 211 y’umupira w’amaguru yo mu bihugu agize FIFA ashobora guhabwa ayandi mafaranga avuye ku miriyaridi 4,4 z’amapawundi y’ubwongereza iryo shirahamwe ryaziganije.

    Mw’ikete Infantino yarungikiye ku wa mbere amashirahamwe atwara umupira w’amaguru ku migabane itandatu, yavuze ko ashigikiye ko hatangwa “ayandi mafaranga menshi ashoboka, ata ngorane biteye FIFA”.

    Infantino amaze iminsi ashikirwako igitutu kubera umugambi witwa FIFA Forward Enterprise wahagaritswe. Uwo mugambi wari utegekanya kugurisha imigabane ku banyamitahe mu bikorwa vy’ubudandaji bijanye n’Igikombe c’Isi hamwe n’ayandi mahiganwa ya FIFA.

    UEFA na Concacaf, amashirahamwe atwara umupira w’amaguru i Buraya, muri Amerika ya Ruguru, Amerika yo Hagati no mu mazinga ya Karayibe, yasavye ko buri shirahamwe rigize FIFA rihabwa imiriyoni 10 z’amadolari.

    Inama nkuru y’ubuyobozi bwa FIFA izokwihweza ico cipfuzo ku wa 15 Gitugutu (10).

    Infantino yavuze ko adashaka kwihutira kuvuga amafaranga azotangwa. Yavuze ati: “Igitigiri kimwe gishobora gutanguza ibiganiro, ariko ntigishobora kuba co conyene kigena umugambi ugenewe isi yose.”

    Yongeye kuvuga ko umugambi wahagaritswe wari ufise intumbero yo kurondera ayandi mafaranga yo guteza imbere umupira w’amaguru.

    Infantino azokwitoza kandi ngo abandanye arongoye FIFA muri Ntwarante (3) 2027. Abashaka guhangana na we bafise gushika ku wa 18 Munyonyo (11) kugira bashikirize uwuzokwitoza.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Trump arahakana ko yemereye Irani kugabanya ibihano

    Perezida wa Amerika Donald Trump yahakanye amakuru avuga ko yemereye Irani kugabanya ibihano no kurekura amafaranga yayo yafatiwe mu makungu, kugira yemere kugirana amasezerano na Amerika ku mugambi wayo wa nikereyeri.

    Ivyo yabivuze inyuma y’inkuru y’ikinyamakuru ca Axios yavuga ko Trump yari yiteguriye kugabanya bimwe mu bihano Irani yafatiwe, mu gihe Tehran yotera intambwe ziboneka ku mugambi wayo wa nikereyeri. Axios yavuze ko ayo makuru yayakuye ku bategetsi ba Amerika.

    Mu butumwa yashize ku rubuga Truth Social ku wa mbere mw’ijoro, Trump yavuze ko ata masezerano n’amwe yahaye Irani, yongera avuga ko inkuru ya Axios ari ikinyoma.

    Yagirije kandi Axios gutangaza ivyo yise amakuru y’uruhendo aterwa n’urwanko abayikorera bamufitiye.

    Hagati aho, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Abbas Araqchi, yavuze ko Tehran yashikirije abahuza bo muri Qatar ivyiyumviro vyayo kugira babishikirize Amerika.

    Araqchi yavuze ko yiteze inyishu ya nyuma ya Amerika ibicishije i Doha kuri uyu wa kabiri, mu gihe utwigoro two guhagarika intambara biciye mu biganiro tubandanya.

    Yavuze kandi ko Irani yamenyesheje Amerika n’umuryango mpuzamakungu ivyo Indongozi Nkuru ya Irani isaba kugira umuhora wa Hormuz usubire kwugururwa. Ariko ntiyatanze ayandi makuru kuri ivyo bisabwa.

    Araqchi yongeyeko ko Amerika niyaba vy’ukuri ishaka amasezerano canke umuti w’amahoro, Irani yamaze gushikiriza ico isaba.

  9. DR Congo: Umunyapolitike yarakubiswe gushika arapfa inyuma yo guhimiriza abantu kwikingira Ebola

    Umwe mu barongoye umugambwe UDPS wa Perezida Félix Tshisekedi yarapfuye inyuma yo gukubitwa avuye mu kiganiro kw’iradiyo, aho yariko ahimiriza abanyagihugu gukurikiza ingingo zo kwikingira Ebola, nk’uko icegeranyo c’uwo mugambwe kibivuga.

    Karondwa Mwanaweka Marie-Célestin Bytaty yari arongoye ivy’agateganyo umugambwe wa UDPS i Butembo, mu ntara ya Kivu ya Ruguru, akaba kandi yari umuvugizi w’uwo mugambwe.

    UDPS ivuga ko inzu yiwe yahavuye iturirwa, ibintu vyiwe na vyo birononwa. Uwo mugambwe wasavye abategetsi gutohoza ingene urupfu rwiwe rwabaye no gufata ababigizemwo uruhara.

    uwo mugambwe wasavye kandi abanywanyi bawo kuguma batekanye no kwubahiriza amategeko.

    Karondwa yahavuye apfa azize ibikomere.

    UDPS ivuga ko yatewe kubera yari yashigikiye ko Ebola iriho kandi ibangamiye abanyagihugu.

    Ico ni kimwe mu bitero bitari bike bimaze kugabwa ku bari mu bikorwa vyo kurwanya Ebola.

    Ku wa gatandatu uheze, abitwaje ibirwanisho barateye ikibanza co gukarabiramwo intoke i Beni, bica umuntu umwe bongera bakomeretsa abandi.

    Urupfu rwiwe rubaye mu gihe igitigiri c’abamaze kwandura Ebola muri DR Congo carenze abantu 8,000.

    Ibiharuro vya reta vyerekana ko gushika ku wa 26 Nyakanga (9), abantu 8,067 bari bamaze kwandura, muri bo 3,901 barapfuye. Intara ya Ituri ni yo ibangamiwe kurusha izindi, aho hamaze kwandura abantu 6,155, muri bo 2,834 barapfuye.

    Ico kiza co mu bwoko bwa Bundibugyo. Ni co kiza ca Ebola kimaze kwica abantu benshi kurusha ibindi vyose vyigeze gutera DR Congo.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Uwahoze ari umumenyeshamakuru arimikwa uyu munsi ngo abe umwami w’Abatooro inyuma y’impari ku kugenwa kwiwe

    Edward Rukidi Kijanangoma Nyabongo II w’imyaka 56 arimikwa uyu munsi ngo abe umwami mushasha w’Abatooro muri Uganda. Kijanangoma yari amaze imyaka irenga 20 akora umwuga wo kumenyesha amakuru, harimwo ku kigo ca reta ya Uganda, UBC.

    Aza gusubirira Umwami Oyo Nyimba Kabamba Iguru Rukidi IV, yapfuye mu kwezi guheze kubera kanseri, afise imyaka 34. Oyo yari yabaye umwami mu 1995 afise imyaka itatu gusa.

    Ukugenwa kwa Kijanangoma kwarateye impari. Abegereye umuryango wa cami bavuga ko Oyo yasize umuhungu hamwe n’icete c’iragi gisaba ko ari we yomusubirira. Ariko uwo mwana ntiyigeze yerekanwa ku mugaragaro canke ngo ashikirizwe umugwi w’abantu 21 bo mu muryango w’Ababiito bajejwe gutora umwami.

    Uwo mugwi wavuze ko wakurikije imigenzo y'aba Tooro, uca utora Kijanangoma. We na Oyo ni abuzukuru b’Umwami Rukidi III.

    Nyina wa Oyo, Umwamikazi Best Kemigisa, yavuze ko icete c’iragi c’umuhungu wiwe kitubahirijwe. Ariko reta ya Uganda yashigikiye Kijanangoma. Perezida Yoweri Museveni ategekanijwe kwitaba ibirori vyo kumwimika.

    Imigirwa y’ukwimika yatanguye mu gicugu. Kijanangoma ategerezwa kugenda n’amaguru ibilometero bine aja ku kirimba ca Karuziika, aho aza guhezagirwa n’abo mu muryango wa cami, yicare ku ntebe y’ubwami, yambikwe n'imyambaro ya cami.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.