'Nshaka gushigikira urwaruka ruri hagati ya 100 na 300'- Miss Burundi 2025

- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bujumbura
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 1
Kellia Lagloire Kaneza yatowe kuba Miss Burundi 2025 avuga ko mu migambi afise ari ugushigikira n'uguherekeza urwaruka ruri hagati y'ijana n'amajana atatu rufise imyaka iri hagati ya 12 na 25.
Agira ati: "Ahanini ni urwaruka rufise impano mu bisata bitandukanye ariko rutashoboye gushira ahabona kubera kubura akaryo. Uwo mugambi uzoheza ururonse akaryo".
Uyu mwigeme yamuka mu ntara ya mu ntara ya Gitega yagutse ni we yatowe nk'umukobwa wa mbere mwiza, aciye ubwenge kandi w'akaranga mw'ihiganwa Miss Burundi ry'umwaka wa 2025, mu birori vyabaye mw'ijoro ryo ku wa gatatu rishira uwa gatandatu.
Icababa ca mbere ca Kellia ni Quessia Kubwarugira aturuka mu ntara ya Butanyerera. Icababa ca kabiri ni Tania Bazahica yamuka muri Burunga.
Umwigeme yakunzwe cane ku mbuga "Miss popularity" ni Monica Celeste Mugisha. Miss Developpement na we ni Nelly Charlène Iteka wo mu ntara ya Gitega.
Abo bigeme batowe muri 15 bashoboye gushika mu gice ca nyuma. Ibirori bikaba vyari vyatewe iteka n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye.
Uwatahukanye urugori rwa Miss Burundi 2025 yahawe imiriyoni 25 z'amafaranga y'amarundi, ahabwa imodoka ikoreshwa n'umuyagankuba, itike y'indege izomushikana mu gihugu ca Ethiopie, yongera arihirwa umwaka umwe w'ishure muri kaminuza.
Abandi bagiye bahabwa ubushimwe butandukanye bivanye n'ikibanza batorewe.
Ihiganwa rya Miss Burundi 2025 rigitangura hari hiyandikishije abigeme 105 baturuka mu mihingo yose y'Uburundi. Ariko hagiye haraba amajonjora. Bashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma ari 60, bashika mu ca kabiri gishira ica nyuma ari 30. Bashitse mu gice ca nyuma ari 15.
Iri higanwa mu mwaka uheze wa 2024 ntiryabaye. BBC Gahuza yaragerageje kubaza igituma ritabaye ariko nta nyishu itomoye yaronse. Ariko ikizwi co ni uko abahora baritegura muri kahise bakuyemwo akarenge ubu hakaba hari bashasha.








