'Dufise ubwoba ko dushobora kwicwa' – Ikiringo ntarengwa cahawe abimukira ngo babe bavuye muri Afrika y'Epfo kiregereje

Ahavuye isanamu, Thuthuka Zondi / BBC
Afrika y'Epfo isigaye ari igihugu kigoye kubamwo ku bimukira badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko, mu gihe ikiringo ntarengwa cashinzwe n’abagira imyiyerekano co kugira abo bimukira babe bavuye muri ico gihugu, kiriko kiregereza.
Esnat Joseph, umugore w'Umunyamalawi afise imyaka 36, ariko aragerageza guhoza abana biwe batatu b'amahasa bafise umwaka umwe, yabwiye BBC ati: "Mfise ubwoba bwinshi kandi narahahamutse."
Yarataye aromoka, ava muhira iwe, mu gace k'imihana ibamwo abantu mu kajagari mu gisagara ca Durban, mu ntara ya KwaZulu-Natal, aja kurondera ubuhungiro mu kibanza cagutse kiri ahabona, aho abanyamahanga bagera ku 7.000 – ahanini b’Abanyamalawi – bamaze indwi zibiri biyegeraniriza bakahahungishiriza n’utwabo.
Yagize ati: "Haraje abantu muhira iwanje bambwira bati: 'Utegerezwa kuvaho. Ntitugishaka ko muguma aha. Mutegerezwa gusubira mu gihugu canyu.' Bari nka 10 kandi bari bafise ibirwanisho."
Yasiguye ko uwo murwi w’abagabo b’Abanyafrika y'Epfo wari witwaje imihoro n'ibimoko.
Yabandanije agira ati: "Baratemye umugabo wanje ku mutwe no kw’izosi. Bari bamufashe izosi nk'abashaka kumwica. Kubw'ubuntu bw'Imana yararokotse, ubu ari mu bitaro."
Abandi benshi biyegeranirije muri ico kibanza, aho amashirahamwe y’abagiraneza ariko abaronsa uburengeti n'ibifungurwa. Bavuga ko na bo nyene bagiriwe ibikorwa nk'ivyo vyo kubatera ubwoba, aho hari umurwi w’abantu wabasanga muhira inzu ku nzu.
Ivyo bibaye inyuma y’urukurikirane rw'imyiyerekano, ahanini yabaye mu mahoro muri uyu mwaka, iyobowe n'umuhari urwanya abimukira witwa March and March, umugambwe ActionSA utavuga rumwe n'ubutegetsi n'abandi.
Muri iyo myiyerekano, bashinze itariki ya 30 Ruheshi (6) nk'ikiringo ntarengwa c'uko abimukira badafise ivya ngombwa boba bavuye ku butaka bwa Afrika y'Epfo.
Bitwaje inkoni, bagenda bararirimba bavuga bati "Mabahambe", ijambo ryo mu rurimi rw'Ikizulu risigura ngo "Nibagende".
Mu gihe iminsi batanze iriko irahera, ku wa kabiri Perezida w'Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, yaburiye Abanyafrika y'Epfo ko "guta inkubire ku bantu b'abanyantege nke" atari yo nyishu ku ngorane z'ubutunzi zugarije ico gihugu.
Izindi nkuru wosoma:




