IKIBIRIRAHO, Igikombe c'Isi 2026: Umubabaro n'imyidogo kuri Misiri yaraye isezerewe na Argentine mu minota yanyuma

Mu gihe, Misiri yari yamaze kwizigira intsinzi, iminota 11 yabaye akaga gakomeye ku bakinyi b'iki gihugu ca Afrika, kuko urukino rwagiye kurangira batsinzwe, kandi basa n’abari bafise ibintu mu minwe.

Incamake

  • Mu gihe, Misiri yari yamaze kwizigira intsinzi, iminota 11 yabaye akaga gakomeye ku bakinyi b'iki gihugu ca Afrika, kuko urukino rwagiye kurangira batsinzwe, kandi basa n'abari bafise ibintu mu minwe.
  • Igisirikare ca Amerika kivuga ko ejo ku wa kabiri cateye ibibanza birenga 80, harimwo amato mato arenga 60 bw'Ishami ry'igisirikare ca Irani, IRGC, iri na ryo rikavuga ko ryihoye mu gutera ibibanza vya gisirikare vya Amerika biri muri Bahrain no muri Koweit kuri uno wa gatatu.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu

  1. Amerika na Irani vyasubiye kurasana inyuma y’ibitero ku mato y’igitoro mu Muhora wa Hormuz

    Insiguro ya video, Habonetse imbeya z'umuriro inyuma y'ibitero vya Amerika

    Amerika yagavye ibitero “bikomeye cane” kuri Irani mu kwishura ibitero vyagabwe ku mato atatu atwara igitoro mu Muhora wa Hormuz.

    Ubuyobozi Bukuru bw’Ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) buvuga ko ejo ku wa kabiri ko bwakubise ibibanza birenga 80, harimwo amato mato arenga 60 y’Ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) yari muri uwo muhora.

    Ibinyamakuru vyegamiye reta ya Irani bivuga ko ivyo bitero vyagabwe kw’izinga rya Qeshm, no mu turere twa Bandar Abbas na Sirik, hakaba hari abakomeretse bazize ibisigarira vy’amasasu n’ibiturika. Irani ntiremanga ku mugaragaro ko ari yo yateye ayo mato atatu mu gitero catumye Amerika igaba ibitero.

    IRGC itangaza ko yakoze ibitero vyo kwihora ku bibanza vya gisirikare vya Amerika biri muri Bahrain no muri Koweit mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatatu.

    IRGC ivuga kandi ko yarekuriye ibisasu vya misire na za ndege zitajamwo abadereva (drones) ku cicaro c’Ingabo za Amerika zirwanira mu mazi, hamwe no ku kigo c’ingabo zirwanira mu kirere muri Koweit.

    Ejo ku wa kabiri, icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire ya Irani n’ayandi makungu yari yavuze ko ibitero vya Amerika bihonyanze amasezerano hagati ya Amerika na Irani yashizweko umukono mu kwezi guheze, kandi akagabisha ko Irani “izofata ingingo ruhasha”.

    Amerika yari yavuze ko hategerezwa kuba ingaruka ku bitero ivuga ko “bidashobora kwihanganirwa na gato” vyagabwe kuri ayo mato atatu atwara igitoro.

    CENTCOM yavuze kandi ko, uretse aya mato matoya 60, yateye ibibanza birasirwamwo ibisasu vya misire hamwe n’ibigo vy’ubuyobozi bwa gisirikare vya Irani. Ntiyatangaje aho ivyo bibanza biherereye.

    Qatar na Arabia Sawudite vyiyamiriza ivyo bitero, kimwe cose kikavuga ko ubwato bwaco bwatewe mu gihe bwaca muri uwo muhora canke hafi yawo, bikagiriza Irani.

    Ayandi makuru:

  2. Igikombe c'Isi 2026: Umubabaro n'imyidogo kuri Misiri yaraye isezerewe na Argentine mu minota yanyuma

    Messi

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Igitsindo ca Messi camutumye aba umukinyi wa mbere muri kahise k’igikombe c’isi yinjije ibitsindo mu nkino zitandatu zikurikirana zo mu gice co gukuranamwo

    Umubabaro ni mwinshi cane muri Misiri inyuma y’uko iki gihugu gitsinzwe mu minota ya nyuma y’urukino rwa nijoro rwayihuje na Argentine, mu gihe gushika ku minota 11 y’imbere y’uko rurangira Aba-Pharaohs/ Pharaons ba Misiri bari bamaze kwinjiza bibiri Argentine ifise ubusa.

    Iyo minota 11 yabaye akaga gakomeye kuri Misiri, kuko urukino rwagiye kurangira batsinzwe, kandi basa n’abari bafise ibintu mu minwe.

    Ku munota wa 79, Cristian Romero yateye ica mbere, inyuma y’aho, ibintu vyahindutse ku muvuduko uteye ubwoba, kandi mu buryo bubabaje cane.

    Igihe Romero yinjiza iki gitsindo, vyasa nk’aho Misiri yari igisigaje gusa kuzibira kugira ngo ikingire intzinsi yayo. Ariko vyaboinetse ko bari batekewe n’ubwoba igihe kizigenza Lionel Messi – yinjiza ica kabiri, inyuma y’iminota ine, ni ukuvuga ku munota wa 83, baba baranganije.

    Iki gitsindo ca Messi camutumye aba umukinyi wa mbere muri kahise k’igikombe c’isi yinjije ibitsindo mu nkino zitandatu zikurikirana zo mu gice co gukuranamwo.

    Mu gihe buri murwi wariko urondera igitsindo c’intsinzi, amahirwe yatahiye Argentine, aho Enzo Fernandez yateye ica gatatu n’umutwe ku mupira yari ahawe na Lautaro Martinez.

    Muri kahise k’Igikombe c’isi, ni bwo bwa mbere aho umurwi wari umaze gutsindwa ibitsindo bibiri wivyukiranya ugatsinda urukino ata na wa mwanya w’inyongera (prolongation) uhawe.

    Mostafa Zico

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ku munota wa 58, Mostafa Zico yari azi ko yinjije igitsindo kigira kabiri ca Misiri, ariko umuhagarikizi yaracanse yifashishije ubuhinga bwa VAR. Gusa, inyuma y'iminota icenda, ni ukuvuga ku munota wa 67 yahavuye yinjiza ica kabiri coco cemewe

    Abanyamisiri babona ko umuhagarikizi yabarenganije. Yifashishije bwa buhinga bwa videwo (VAR), umuhagarikizi yaranse igitsindo ca kabiri bari binjije, VAR ikaba yerekanye ko cinjiye habanje kuba ikosa. Aho hari imbere y’uko Mostafa Zicoyinjiza igitsindo ca kabiri ku munota wa 67, coco cemewe.

    Baratewe n’uburakari kandi igihe umuhagarikizi yanka kubaha penalty kw’ikosa ryari rikorewe Mohamed Salah, akanya gato imbere y’uko Fernandez yinjiza igitsindo c’intsinzi ca Argentine, aba-Pharaohs baba barasezeye ihiganwa.

    Gushika ubu, Maroc ni co gihugu conyene ca Afrika kigisigaye muri iri higanwa, aho izohura n’Ubufaransa mu gice ca kane gishira ica nyuma.

    Ayandi makuru y'igikombe c'isi 2026:

  3. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.