IKIBIRIRAHO, Ibiciro vy’Ibitoro Vyaduze Cane Muri Kenya

Ibiciro vy’ibitoro muri Kenya vyaduze cane kubera ihungabana ry’isoko mpuzamakungu n’intureka zo mu Buseruko bwo Hagati.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Ibiciro vy’Ibitoro vyaduze cane muri Kenya

    Ifoto : Umukozi wo kw’isitasiyo y’ibitoro ariko asuka igitoro mw'ibido z’umukiriya, mu gihe abatwara imodoka bariko baruzuza ibitoro ku gisata ca Astrol i Ruai hafi ya Nairobi muri Kenya, kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2026, mu gihe ibiciro vy’ibitoro biriko biraduga kubera ihungabana ry’isoko mpuzamakungu.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Abanyagihugu muri Kenya bafise amakenga inyuma y’aho reta itangarije iduga rikomeye ry’ibiciro vy’ibitoro, mu gihe ubuzima busanzwe buguma burushiriza kuzimba.

    Mu biciro bishasha vyashizwe ahabona n’Ikigo kijejwe kugenzura inguvu n’ibitoro, EPRA, mazutu caduze amafaranga 46 y’amashilingi ya Kenya kuri litiro, mu gihe essence yaduze amafaranga 16 kuri litiro.

    Muri ibi biciro bishasha, litiro imwe ya essence izoba igurwa amashilingi 214 ya Kenya, nayo mazutu igurwe amashilingi 242.

    Ibi nivyo biciro vya mbere vyo hejuru cane vy'igitoro bibayeho muri Kenya, nk'uko abahinga mu vy'ubukungu babivuga.

    EPRA ivuga ko iri duga ryatewe n’ukuduga kw’ibiciro vy’ibitoro kw’isoko mpuzamakungu hamwe n’igiciro kinini co kuvyinjiza mu gihugu, cane cane kubera intureka ziri mu Buseruko bwo Hagati harimwo n’intambara ya Iran.

    Abahinga mu vy’ubutunzi bavuga ko iri duga rishobora gutuma amafaranga yo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ayo guhingura ibidandazwa aduga, ivyo navyo bikazoca bituma ibiciro vy’ibintu ku masoko biduga.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Umukuru wa CIA yasuye Cuba ajyanye “ubutumwa bwite” bwa Trump

    Umukuru wa CIA John Ratcliffe (ibumoso) mu nama i Havana, Cuba

    Ahavuye isanamu, CIA

    Insiguro y'isanamu, Umukuru wa CIA John Ratcliffe (ibumoso) mu nama i Havana, Cuba

    Umukuru w’ikigo cy’ubutasi bwo hanze cya Amerika CIA yasuye Cuba abonana n’ushinzwe ubutasi muri icyo gihugu ku murwa mukuru Havana ajyanyeyo “ubutumwa bwite bwa Perezida Donald Trump”.

    John Ratcliffe yagiye Havana nyuma y’uko Washington yemereye Cuba inkunga ya miliyoni 100$ yo kuyifasha koroherwa n’ingaruka z’ibihano Washington nyine yabafatiye.

    Perezida Miguel Diaz-Canel wa Cuba we yatangaje ko aho kubaha impano Amerika ikwiye gukuraho gufungira Cuba kugezwaho ibitoro.

    Umwe mu bategetsi muri CIA yabwiye CBS News ko Amerika yiteguye gukorana na Cuba mu by’umutekano n’ubukungu “mu gihe gusa Cuba yakwemera gukora impinduka zikomeye”.

    Mu bakoranye inama n’uyu mukuru wa CIA harimo Raúl Rodríguez Castro umwuzukuru w’uwahoze ari perezida Raúl Castro, misitiri Lázaro Álvarez Casas w’ubutegetsi bw’igihugu, n’umukuru w’inzego z’ubutasi za Cuba.

    Kubura kw’ibitoro kubera ibihano byo gufungirwa na Amerika kwasize ibitaro mu gihugu bidakora mu buryo busanzwe naho amashuri n’ibiro byinshi bya leta birafunga.

    Mbere, ikirwa cya Cuba cyari kibeshejweho n’ibitoro biva muri Venezuela na Mexique, ariko ibi bihugu byombi byategetswe na Amerika guhagarika guha Cuba ibitoro cyangwa bigafatirwa ibihano.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Mu rugendo rwa Trump mu Bushinwa, ikibazo ca Iran naco caravuzwe mu biganiro na Xi

    Perezida Trump ariko araramukanya na perezida Xi

    Ahavuye isanamu, POOL / AFP via Getty Images

    Mu gihe Donald Trump akibandanya urugendo rwiwe mu Bushinwa kuri uyu wa gatanu, ku munsi wa kane, ikibazo c’intambara ya Iran naco caragarutse mu biganiro yagiranye n’umukuru w’Ubushinwa Xi Jinping, iruhande y'ibindi biganiro bijanye hamwe n’ubudandaji, Taiwan hamwe n’umutekano wo mu karere.

    Trump yavuze ko we na Xi baganiriye ku bijanye n’umugambi wa Iran wo kugira ibirwanisho ruhonyanganda vya nukleyeri hamwe n’ingorane zo mu Buseruko bwo Hagati, avuga kandi ko Tehran yari “yegereje cane” kuronka ibirwanisho vya ruhonyanganda imbere y’uko Amerika igaba ibitero ku bibanza vya Iran bikekwa ko vyari bifitaniye isano n’uwo mugambi .

    Umukuru w’igihugu wa Amerika yongeye gusaba Iran kwemera amasezerano na Amerika, avuga ko ukwihangana kwa Washington kuriko kurarangira.

    Trump kandi yavuze ko Xi yamwemereye ko Ubushinwa butazotanga ibikoresho vya gisirikare kuri Iran, naho yavuze ko Beijing izobandanya kugura igitoro ca Iran. Yongeye avuga ko abo bategetsi bompi bashimangiye akamaro ko kwugurura umuhora wa Hormuz, umuhora ufise uruhara runini mu gutwara ibitoro kw’isi.

    Mu gihe c’ivyo biganiro, ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Ubushinwa nabwo bwahamagariye impande zose kurondera umuti biciye mu biganiro, buvuga ko iyo ntambara “itari ikwiye kuba” kandi ko hakenewe inyishu yihuta biciye muri dipolomasi.

    Naho urugendo rwa Trump rwari rwibanze cane ku migenderanire hagati ya Amerika n’Ubushinwa hamwe n’ubutunzi, ikibazo ca Iran naco carabaye kimwe mu vyagarutsweko hagati y’abo bategetsi babiri.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.