Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Kenya yemeje umurwayi wa gatatu wa Ebola

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kenya bwemeje ko habonetse umurwayi wa gatatu wa Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Mwakoze kubana natwe!

    Amakuru y’ikibiriraho ni aha tuyarangirije uyu munsi, ni ah’ejo.

  2. Real Madrid isaba uwutwara La Ligua guanga imihoho

    Real Madrid yasavye Javier Tebas gutanga imihoho ku burongozi bwa LaLiga no mu kibanza c'icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Espagne.

    Ivyo bibaye inyuma y’aho Tebas agereranije uburyo ubuyobozi bwa Real Madrid bukoresha n’ubwahora bukoreshwa na Joseph Goebbels, yari umushikiranganji ajejwe gukwiragiza ivyiyumviro vy’ubutegetsi bw’Abanazi mu Budagi.

    Tebas yavuze ko televiziyo ya Real Madrid ikoreshwa muri ubwo buryo, ariko asigura ko atariko agereranya uwo mugwi n’ivyiyumviro vy’Abanazi.

    Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa gatanu, Real Madrid yavuze ko iryo gereranya ridashobora kwihanganirwa kandi ko insiguro za Tebas zitagabanya uburemere bw’amajambo yiwe.

    Uwo mugwi wagirije Tebas kuguma awutera, agatera umukuru wawo hamwe n’ibimenyeshamakuru vyawo.

    Real Madrid yavuze ko ihangayikishijwe kandi n’uko Tebas akoresha ayo majambo mu kunegura uburyo uwo mugwi ukurikirana urubanza rwa Negreira.

    Urwo rubanza rujanye n’amafaranga FC Barcelona yarishe mu myaka itari mike uwahoze ari icegera c’umukuru w’urwego rujejwe abasifuzi muri Espagne.

    Real Madrid ivuga ko yasavye UEFA gutohoza neza ayo mafaranga no gufata ingingo zo gukingira ubutungane bw’amarushanwa. Yasavye kandi ko uburyo bwo gutunganya ivy’abasifuzi n’inzego z’umupira w’amaguru muri Espagne buhindurwa.

    Uwo mugwi wavuze ko inyifato ya Tebas yerekana ko atagira ukutagira aho ahengamiye n’icubahiro bisabwa n’amabanga ajejwe, ukavuga ko ivyo bituma atakibereye kuguma muri iyo myanya.

  3. Kenya yemeje umurwayi wa gatatu wa Ebola

    Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kenya bwemeje ko habonetse umurwayi wa gatatu wa Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo.

    Uwo murwayi ni umukenyezi w’imyaka 65 wo mu muryango wa hafi w’abarwayi babiri ba mbere bemejwe ko banduye iyo ndwara.

    Yari yarashizwe ukwiwe kugira akurikiranwe, inyuma y’aho bimenyekaniye ko yari yarahuye n’abo barwayi babiri.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Ethiopia igiye gushinga ubutegetsi bw’imfatakibanza muri Tigray

    Ethiopia iriko irashiraho ubutegetsi bw’imfatakibanza mu ntara ya Tigray, inyuma y’indwi zitari nke z’indwano hagati y’ingabo za reta n’abarwanyi barwanya ubutegetsi.

    Iyo ngingo ifashwe haciye indwi zibiri ingabo za reta zisubiye kwigarurira Mekelle, umurwa mukuru wa Tigray. Zaranasubije inyuma ingabo za Eritrea zari zinjiye mu bice bimwebimwe vy’iyo ntara.

    Ubwo butegetsi bushasha buzomara amezi atandatu. Bushinzwe gusubizaho umutekano, kubogora ivyahononekariye no gutegura amatora yo muri iyo ntara.

    Tigray yabereyemwo intambara ikomeye hagati y’ingabo za reta ya Ethiopia n’abarwanyi bo muri iyo ntara, kuva mu 2020 gushika mu 2022.

    Naho iyo ntambara yarangiye biciye ku masezerano y’amahoro, ibibazo vyerekeye ubutegetsi, gushira hasi ibirwanisho no gusubiza mu mihana abateshejwe izabo ntibiratorerwa umuti.

    Ikiringo c’amezi atandatu cahawe ubwo butegetsi gituma hibazwa nimba amatora azotegurwa azokwemerwa n’abanyagihugu bo muri Tigray.

    Hagati aho, imigenderanire hagati ya Ethiopia na Eritrea iriko irushiriza kuba mibi. Hari impungenge ko indwano yosubira kurenga imbibe, igakwegera ibindi bihugu kandi igahungabanya kurushiriza akarere k’Ihembe rya Afrika.

  5. DR Congo: Abandi 65 banduye Ebola mugihe hacibazwa ingene amafaranga yo kuyirwanya akoreshwa

    Repubulika ya Demokarasi ya Congo yatangaje ko abandi bantu 65 banduye Ebola, mu gihe ibibazo biriko biriyongera ku kuntu amafaranga yatanzwe kugira iyo ndwara irwanywe akoreshwa.

    Raporo yasohowe ku wa kane ivuga ko abo barwayi babonetse mu masaha 24 yarangiye ku wa 14 Gitugutu (10). Muri bo, 31 babonetse muri Ituri, 28 muri Kivu ya Ruguru, batanu muri Haut-Uélé n’umwe muri Tshopo.

    Abantu 37 barapfuye, 22 muri bo bapfira mu ngo canke ahandi hatari mu bigo bivura Ebola. Abandi barwayi 38 barakize.

    Kuva iki kiza gitangura, abantu 9.277 baramaze kwandura Ebola, muri bo 4.478 barapfuye. Ituri ni yo ntara irimwo abarwayi benshi, ikurikirwa na Kivu ya Ruguru.

    Hagati aho, reta ya Congo ivuga ko itazi neza ingene amafaranga menshi yatanzwe n’amakungu akoreshwa, kuko aca ku mashirahamwe mpuzamakungu aho guca kuri yo.

    Africa CDC ivuga ko hafi imiriyoni 962 z’amadolari zatanzwe kugira Ebola irwanywe. Ariko amakuru yashikirijwe abategetsi ba Congo yerekeye imiriyoni 220 gusa.

    Muri ayo, imiriyoni 120 ngo zaramaze gukoreshwa, izindi 100 zikaba zisigaye. Africa CDC yasavye ko hatangwa amakuru atomoye ku mafaranga arenga imiriyoni 700 ataramenyekana neza ingene yakoreshejwe.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Ubushinwa busaba Israel guhagarika kwagura imihana y’Abanya-Israel muri Cisjordanie

    Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Wang Yi, yasavye Israel guhagarika gushinga no kwagura ku nguvu imihana y’Abanya-Israel muri Cisjordanie.

    Wang yabwiye Perezida wa Israel Isaac Herzog ko Israel ikwiye guhagarika ivyo bikorwa no gukuraho ingingo imaze gufata.

    Abo bategetsi babiri bahuriye ku ruhande rw’inama yabereye muri Azerbaïdjan ku wa kane.

    Wang yavuze ko ikibazo ca Palestina ari co “karenganyo gakomeye kurusha akandi kabaye muri iki kinjana”. Yavuze ko gushinga ibihugu bibiri, Israel na Palestina, ari yo nzira ibereye yo gutorera umuti ayo matati.

    Ubushinwa bumaze igihe bushigikira Abanyapalestina kandi buriko buragerageza kugira uruhara mu gutorera umuti amatati yo mu Buseruko bwo Hagati.

    Mu 2023, bwarafashije Iran na Arabia Saoudite gusubizaho imigenderanire. Mu 2024, bwarahuje imigwi y’Abanyapalestina itavuga rumwe kugira yemere gushinga reta y’imfatakibanza inyuma y’intambara yo muri Gaza, ariko uwo mugambi ntiwashizwe mu ngiro.

    Wang yavuze ko igikwiye kwihutirwa ubu ari ukwugurura inzira zose zishikana imfashanyo muri Gaza no guhagarika ibibazo vy’abanyagihugu birushiriza gukomera.

    Herzog yavuze ko ibiganiro vyabo vyashimikiye ku migenderanire hagati y’Ubushinwa na Israel no ku bibazo vyo mu Buseruko bwo Hagati. Yavuze kandi ko yashimangiye icipfuzo ca Israel co kugira amahoro, ariko yerekana ko Iran n’imigwi iyishigikiye bibangamiye umutekano w’igihugu ciwe.

    Naho haheze umwaka amasezerano yo guhagarika intambara muri Gaza atanguye, Israel iracabandanya kugaba ibitero hafi buri musi. Abanyapalestina barenga 1.400 baramaze kwicwa kuva ayo masezerano atanguye muri Gitugutu (10) 2025.

  7. Trump: Gukorana na Zelensky biragoye kurusha gukorana na Putin

    Perezida wa Amerika Donald Trump yasubiye kunegura Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky, avuga ko gukorana na we bigoye kurusha gukorana na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin.

    Trump yavuze ko adashigikiye Zelensky, amwagiriza ko avuga ko ashaka amahoro ariko ntiyerekane ko yiteguriye kuyashikako.

    Ayo majambo aje mu gihe Zelensky ari i Bruxelles mu nama y’abakuru b’ibihugu vy’Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya, aho ariko arondera ko Ukraine ibandanya gushigikirwa.

    Zelensky yashimiye abo yise “indongozi nyakuri” zibandanya gufasha igihugu ciwe. Yakiriwe n’umukuru wa Komisiyo y’Ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, hamwe n’umukuru w’Inama y’uwo muryango, António Costa.

    Von der Leyen yavuze ko Ukraine yari yemeye icifuzo ca Trump co guhagarika ibitero ku nyubakwa z’amasoko ntanganguvu, ariko ko Uburusiya butigeze bwubahiriza iyo ngingo. Yavuze ko ibihano vyafatiwe Moscou bikwiye kwongerezwa.

    Uburusiya bwo buvuga ko butigeze bwemera iryo hagarikwa ry’ibitero Trump yatangaje mu ndwi iheze.

    Trump yaneguye ibitero Ukraine yasubiriye kugaba ku mahinguriro y’ibitoro mu Burusiya, avuga ko ari “akamaramaza” kuko bituma ibiciro vy’ibitoro kw’isi biduga.

    Amerika iheruka kwemeranya n’Uburusiya kugura amatoni 300.000 ya mazutu. Zelensky yaneguye ayo masezerano, avuga ko ari ingabire Amerika ihaye Putin n’amafaranga azofasha kubandanya intambara.

    Ukutumvikana hagati ya Washington na Kyiv kwarushirije kwiyongera inyuma y’aho ubushobozi bwa Ukraine bwo gukoresha umuhora wa internet wa Starlink ku rugamba bugabanyirijwe.

    Muri iyo nama y’i Bruxelles, abakuru b’ibihugu vya Buraya bariko baraganira ku mafaranga yo gufasha Ukraine no ku buryo yokwitegurira igihe c’imbeho.

    Zelensky yavuze ko igihugu ciwe cipfuza ko intambara irangira ningoga, ariko ko Uburusiya buterekana ko ari co bushaka.

    Hagati aho, ibitero vy’Uburusiya vyahitanye abantu mu gisagara ca Kharkiv, mu gihe ingo 270.000 zo mu ntara ya Volyn zasigaye ata muyagankuba zifise. Ukraine na yo yabandanije kugaba ibitero vy’utudege tutajamwo abadereva mu Burusiya.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mu rukiko i New York Maduro yahakanye ibirego bishya bijyanye n'iyicarubozo

    Uwahoze ari Perezida wa Venezuela Nicolás Maduro n’umugore we, Cilia Flores, bitabye urukiko ku wa kane bahakana ibirego bishya byo gucura umugambi wo gukora iyicarubozo.

    Mbere, leta y’Amerika yashinje Maduro ibyaha by’iterabwoba rishingiye ku biyobyabwenge bitemewe n’amategeko, gucuruza ibiyobyabwenge n’ibyaha bijyanye n’intwaro, nyuma mu cyumweru gishize yongeraho ibirego bishya kuri we no ku mugore we Flores.

    Maduro na Flores bafashwe muri Mutarama (1) uyu mwaka mu gitero cya gisirikare cy’Amerika, nyuma bajyanwa i New York, aho bagifungiye.

    Bombi bahakanye ibyaha baregwa ndetse bagiye biregura bavuga ko uru rubanza rukwiye guteshwa agaciro kuko bafite ubudahangarwa. Urubanza rwabo ruteganyijwe gutangira mu mizi muri Kamena (6) mu mwaka wa 2027.

    Mu nyandiko y’ikirego gishya mu cyumweru gishize, abashinjacyaha ba leta bashinje Maduro na Flores “gushyiraho no kugumishaho uburyo bw’urugomo bw’ikandamiza” bwatumye “Abanya-Venezuela babarirwa mu bihumbi” bicwa, batotezwa ndetse bagakorerwa iyicarubozo.

    Nicolás Maduro yahakanye ibyo birego bishya yashyiriweho na leta y’Amerika, abwira urukiko ku wa kane ko ahakana “ibirego by’ibinyoma n’ubuhamya bw’ibinyoma kuri jye”.

    Asubiza mu rurimi rw’Iki-Espanyole rugasemurwa n’umusemuzi, yagize ati: “Nanze iyi nyandiko yose uko yakabaye.”

    Umucamanza Alvin Hellerstein yaciye mu ijambo Maduro, atangaza ko urukiko ruza kwandika ko Maduro ahakana ibyo aregwa.

    Binyuze ku musemuzi, Flores yagize ati: “Ndi umwere rwose. Nta cyaha nakoze.”

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Abana batatu n'umwarimu bishwe barashwe ku ishuri ribanza ryo muri leta ya Oregon muri Amerika

    Polisi yavuze ko umuhungu w’imyaka 16 yishe arashe abana batatu n’umwarimu ku ishuri ribanza ryo muri leta ya Oregon muri Amerika, nyuma na we yicwa n’umuntu wabirebaga.

    Uwo ucyekwa, utatangajwe izina, yinjiye ku ngufu mu ishuri ribanza rya ‘Silver Rail Elementary School’, riri mu mujyi wa Bend, ku wa kane nyuma ya saa sita z’amanywa, abikora arashe inzugi zikinze, nkuko bivugwa n’umukuru wa polisi muri uwo mujyi, Mike Krantz.

    Krantz yavuze ko uwo muhungu yishwe arashwe n’umuntu wo muri ako gace “wamukurikiye kugera ku ishuri akarasana na we”.

    Abo bana batatu bishwe barimo ufite imyaka itanu, ufite imyaka umunani n’ufite imyaka 11. Krantz yavuze ko umwana w’imyaka irindwi n’umwarimu w’imyaka 54 bajyanwe ku bitaro bamerewe nabi cyane.

    Ntibisobanutse niba uwagabye icyo gitero hari isano yari afitanye n’iryo shuri.

    Mu itangazo yasohoye, umukuru w’amashuri muri ako karere Steven Cook yagize ati: “Tuguye mu kantu kandi dushenguwe umutima n’ubu bwicanyi budafite ishingiro.”

    “Nta magambo ashobora gusobanura neza intimba umuryango [abatuye hano] wacu ufite.”

    Kuri uyu wa gatanu, amashuri yo mu mujyi wa Bend yafunzwe. Abategetsi bavuze ko abahatuye bacyeneye igihe cyo kubanza gukira ku mutima.

    Polisi yavuze ko abana bagera kuri 450 biga kuri iryo shuri ribanza rya ‘Silver Rail Elementary School’. Abakozi bakuru barenga 40 ni bo barikoraho.

    Imibare yo mu bubikoshingiro bw’amakuru ajyanye no kuraswa ku mashuri, buzwi nka ‘K-12 School Shooting Database’, igaragaza ko habayeho ibikorwa 235 byo kuraswa ku mashuri yo muri Amerika mu mwaka ushize, ndetse n’ibikorwa byo kuraswa ku mashuri nibura 140 kugeza ubu muri uyu mwaka.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Trump yaretse itangazwa ry'igihano cy'urupfu cy'uwari umusirikare wishe bagenzi be mu 2009 ubwo azaba arimo araswa

    Perezida w’Amerika Donald Trump yaretse gahunda yo gutangaza imbonankubone iyicwa ry’uwari umusirikare akaba n’umuganga w’indwara zo mu mutwe mu gisirikare, Nidal Hasan, ubwo azaba arimo araswa n’itsinda ry’abasirikare.

    Mbere, Trump yari yemeye ko urupfu rw’uwo wishe abasirikare abarashe rwerekanwa, mu gihe Visi Perezida w’Amerika JD Vance yari afite amakenga niba bizaba ndetse akavuga ko atazabireba.

    Icyemezo cya Trump cyo kuburizamo iryo tangazwa ry’igihano cy’urupfu ubwo kizaba kirimo gishyirwa mu ngiro, agifashe nyuma yuko henshi muri Amerika no mu mahanga banenze iyo gahunda. Ku wa kane, yavuze ko “abantu benshi beza cyane kandi bagamije icyiza bakwifuza kutamureba arimo apfa”.

    Trump yagize ati: “Ntekereza ko gutangaza iyicwa bose bakaribona byajyaga kuba ikumira rikomeye cyane ku Isi ikabona ukuntu Amerika ihangana n’Abakora iterabwoba n’UMWANDA nka Hasan.”

    Ku rubuga nkoranyambaga rwa Truth Social, Perezida Trump yongeyeho ati: “Azapfa, nkuko biteganyijwe, yishwe n’itsinda ry’abarashi, ariko iki gikorwa ntikizatangazwa kirimo kuba.”

    Hasan yishe arashe abasirikare 13 b’Amerika batari bafite intwaro ndetse akomeretsa abandi 32, mu kigo cya gisirikare cya Fort Hood, muri leta ya Texas muri Amerika, mu mwaka wa 2009. Iyicwa rye arashwe n’itsinda ry’abarashi, riteganyijwe kuba ku itariki ya 3 Ukuboza (12) uyu mwaka, rizaba ribaye ishyirwa mu ngiro ry’igihano cy’urupfu ku musirikare rya mbere ribayeho muri Amerika mu myaka irenga 60 ishize.

    Trump yavuze ko imiryango y’abishwe n’abakomeretse ishobora kujya kureba iyicwa rye niba ibyifuza.

    Yagize ati: “Ikwiriye kureba UBUTABERA!”

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.