Uwuserukira Uburusiya muri Romania yirukanywe inyuma y’Igitero ca Drone

Ahavuye isanamu, EBU
Roumanie yirukanye uwuserukira uburusiya murico gihugu yongera kandi yugara ambasade y’Uburusiya inyuma y’uko drone zibiri z’Uburusiya zigwiriye ahantu haba abantu.
Abantu babiri barakomeretse muri ico gitero cabereye mu gisagara ca Galati, mu buseruko bwa Romania hafi y’urubibe ihana na Ukraine. Abategetsi ba Romania bavuze ko uwuserukira Uburusiya atagishemeye kuba muri ico gihugu.
Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu c’Uburusiya yavuze ko Perezida Putin yamenyeshejwe ivy’iyo mpanuka ya drone. Ibinyamakuru vy'Uburusiya vyavuze ko Uburusiya buzofata ingingo zo kwishura ico cemezo ca Romania co kwirukana uwo muserukizi.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Romania bwavuze ko ico gitero ari “ukwongereza ibibazo mu buryo bukomeye kandi butabereye.”
Naho indege zitagira umudereva z'Uburusiya zari zimaze kwinjira mu kirere ca Roumanie mu ntambara yo muri Ukraine, bubaye ubwa mbere abasivile ba Romania bakomeretse, ivyo bikaba biteye impungenge ko intambara ishobora kwinjirira ku butaka bwa OTAN.










