Aho ari mu rugendo muri Espagne, Papa yashimiye iki gihugu kubona kidashigikira intambara

Papa Leo XIV aramutsa abakristu ari mu modoka irerura abapapa

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa kabiri w'urugendo rwiwe muri Espagne, Papa Leo yaremesheje imisa
    • Umwanditsi, Maia Davies
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abantu barenga umuriyoni buzuye amabarabara yo mu gisagara ca Madrid kuri uno wa Mungu mu gihe Papa Leo XIV yasomera imisa hanze kuri uwo mugwa mukuru w'igihugu ca Espagne, nk'uko Vaticano ibivuga.

Isinzi ry'abantu ryasidukanye n'iyonka kuri uno musi wa kabiri w'urugendo rwiwe yatanguye ejo ku wa gatandatu igihe yashika mu kibanza citiriwe Plaza de Cibeles, Umwami Felipe VI n'Umwamikazi Letizia bakaba bari kumwe n'abakristu.

Ejo ku wa gatandatu, Papa Leo XIV yatanguye urugendo rw'imisi indwi muri ico gihugu, aho yashimagije reta y'iki gihugu yamirira kure intambara be n'ukungene ishigikira abimukira.

Mw'ijambo yashikirije igihe yakirwa n'Umwami Felipe VI be n'uno Mwamikazi Letizia ku kirimba c'i Madrid, Papa Leo yashimye ukungene Espagne "yitangira amahoro n'ubumwe hagati y'ibihugu".

Papa Papa Leo XIV ahagatiwe n'Umwami Felipe VI n'Umwamikazi Letizia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwami Felipe arashima ingene Papa atarya umunwa kandi ashikamye ku kibazo c'ihohotera rishingiye ku gitsina kivugwa muri Ekleziya

Umushikiranganji wa mbere Pedro Sanchez yarateranye amajambo na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku ntambara yo muri Irani, hamwe na Israel ku ntambara yo muri Gaza, Papa akaba yashimagije Espagne ku kungene "igendera amategeko mpuzamakungu n'ubumwe hagati y'ibihugu".

Igihe yashika i Madrid ejo ku wa gatandatu, Papa yavuze ko ubutumwa bw'amahoro "muri iki gihe ku bw'amahirwe make hari ababubona nk'ubw'ukutitaho ibintu, abandi bakabubona nk'ubutera amatati," ariko bwari bukwiye "kwakirwa n'abo bose bafise umutima wuguruye batiyugaraniye mu vyiyumviro vyabo bamaze kwishiramwo".

Kuri uno wa Mungu naho, yaremesheje imisa, aho abari bayitavye bari bafise amabendera ya Espagne n'aya Vaticano, basemerera bati: "Ni harambe Papa", abandi nabo batera amashurwe igihe yashika ku kibanza ca Plaza de Cibeles.

Papa Leo XIV aramutsa abakristu ari mu modoka irerura abapapa igihe yashika ku kibanza citiriwe Cibeles kugira aremeshe imisa

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Vaticano n'abateguye urugendo rwiwe muri ico gihugu bavuga ko abantu imiriyoni 1.2 bari batonze ku mabarabara ya Madrid

Mu nyigisho yiwe, yasavye abari bitavye igisabisho kugaragaza ukwemera kwabo mu gufasha abandi, avuga ko Imana "yiyegereza abakene, abaciye bugufi, inyakamwe n'abatawe".

Yavuze ko batofata idini nk'"inzu ndangamurage igenderwa gusa mu kuraba ivya kahise, ahubwo nk'ishure umuntu akuramwo ukwemera n'ubu".

Abategetsi bashizeho ingingo zikomeye zo gucungera umutekano mu gihe c'imisa no mu rugendo rwakurikiye aho yazungurutse mu gisagara hagati i Madrid.

Amabarabara yari afise ivyapa bifise isanamu ya Papa hamwe n'amashurwe menshi yera n'ay'umuhondo, ajanye n'amabara y'ibendera rya Vaticano.

"Naje guhura na Yezu Kristu biciye mu majambo ya Papa", ni ko Marta Perez w'imyaka 30 yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP kuri uno musi wa Mungu. "Yaje gukora ivyiza, n'urukundo rwiwe rwose."

Ana Milagros w'imyaka 64, yavuze ko Papa ariko agerageza "kudufasha twese".

Ati: "Hari ukwicamwo ibice n'ukutumvikana kwinshi muri poritike, mu bibazo vy'imibano, vy'ubutunzi".

Abakristu bihanganiye izuba ryinshi ry'i Madrid kugira bashobore kubona Papa n'akanya gato gusa

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Abakristu bihanganiye izuba ryinshi ry'i Madrid kugira bashobore kubona Papa n'akanya gato gusa
Amasaha makeya imbere y'uko Papa ashika, isinzi ry'abantu bari bakubise harazima

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amasaha makeya imbere y'uko Papa ashika, isinzi ry'abantu bari bakubise harazima

Muri uru rugendo rwiwe muri Espagne - ari na rwo rwa mbere rw'umupapa mu myaka nk'icumi n'itanu iheze – bitegekanijwe ko azoshikiriza kandi ijambo ridasanzwe imbere y'inama nshingamateka ya Espagne, yongere abonane n'abakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina muri Ekleziya Katolika.

Papa Leo kandi vyitezwe ko azoja mu mazinga ya Canary ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere Sánchez mu mpera z'iyo ndwi, aho bazokwibuka ibihumbi n'ibihumbi vy'abimukira bapfiriye mu nzira bariko bagerageza gushika i Buraya.