Amasasu hafi ya Maison Blanche muri Amerika mw'ijoro ryakeye, uwikekwa yishwe

    • Umwanditsi, Helen Sullivan
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Tabby Wilson
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Uwikekwa kurasa hafi y'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika (Maison Blanche/White House) yishwe mw'irasana ryabaye hagati yiwe n'abajejwe gucungera umutekano w'umukuru w'ico gihugu mw'ijoro ryakeye, nk'uko abategetsi babivuga.

Ikimenyeshamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika kivuga ko uwikekwa gukora iki gitero yitwa Nasire Best, umusore w'imyaka 21 yari asanzwe azwi n'urwego rujejwe gucungera umukuru w'igihugu kandi akaba yari asanzwe azwi ko afise ibibazo vyo mu mutwe.

Mu butumwa yacishije ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social, Donald Trump yashimiye uru rwego ruzwi nka Secret Service, ku "gikorwa c'ububangutsi n'ubunyamwuga" berekanye mu guhangana n'uno mugabo yari yitwaje inkoho, akavuga ko "afise kahise k'ubugizi bwa nabi kandi ashobora kuba afitiye akantu iyi nyubakwa y'igihugu cacu ikundwa cane".

Uku kurasana kubaye inyuma y'ukwezi kumwe gusa umugabo yitwaje inkoho arashe mu birori vy'ifunguro ry'umugoroba n'abanyamakuru muri Maison Blanche.

Iki gitero kiracariko kirakorwako amatohoza, kandi n'amabarabara yo mu micungararo ya Maison Blanche ashobora kubandanya yugawe.

Hari imbere y'isaha cumi na zibiri z'umugobora nijoro ku wa gatandatui Washington (18:00, ni ukuvuga isaha indwi z'ijoro i Gitega na Kigali, ku wa Mungu) mw'ijoro ryakeye, aho umugabo yasokorora inkoho yiwe mw'isakoshi aca "atangura kurasa" hanze ya Maison Blanche.

Abajejwe umutekano baciye bishura, barasa uno mugabo. Yaciye ajanwa kwa muganga ariko biza gutangazwa ko yapfuye.

Umuntu yariko yirenganira na we nyene yakomeretse, ariko inzego z'umutekano nta nsiguro zindi zatanze ku kungene na we amerewe. Nta numwe yakomeretse mu ngabo zijejwe gucungera umukuru w'igihugu.

Trump yari ari muri Maison Blanche ico gihe ibi vyaba, ariko nta muntu n'umwe vyagizeko ingaruka canke ngo ibikorwa vy'umutekano bihungabane, niko Secret Service ivuga.

Isoko rya hafi y'abajejwe amatohoza ryabwiye CBS ko muri Mukakaro (7) 2025 Best yagerageje kwinjira muri Maison Blanche ariko akaba yarahagaritswe hafi yayo n'abajejwe umutekano w'umukuru w'igihugu, inyuma y'aho akaba yaramaze igihe ari mu kigo c'abafise ibibazo vyo mu mutwe. Yari amaze amezi 18 aba i Washington DC.

Trump yanditse ati: "Ndashimira abajejwe umutekano wacu n'inzego z'umutekano ku bubangutsi n'ubunyamwuga berekanye kuri uno mugoroba mu guhangana n'uno mugabo yitwaje inkoho hafi ya Maison Blanche".

Yavuze ko ibi bibaye inyuma y'ukwezi kumwe habaye umuntu yarashe mu birori vy'ifunguro n'abanyamakuru ba Maison Blanche, avuga kandi ko ibi vyerekanye ingene ari nkenerwa ko "abakuru b'ibihugu bazokurikira baronka ikibanza c'umutekano kiri ku rwego rwo hejuru kuruta ibindi vyose vyigeze kwubakwa i Washington".

Igihe humvikana aya masasu, abanyamakuru bo kuri Maison Blanche baciye banyarukanwa mu cumba c'itangazamakuru. Hari bamwe bariko barafata amashusho igihe ibi vyaba, mbere mu gihe bamwe bariko bavugira imbere ya camera amasasu yumvikana kure.

Videwo yasohowe n'umunyamakuru w'imboneshakure ABC muri Maison Blanche Selina Wang imwerekana yinyegeza mu gihe amasasu yariko yumvikana.

Wang yanditse kuri X ati: "Twabwiwe kwiruka tuja mu cumba c'itangazamakuru aho turi ubu."

John Thune arongoye Abarepubulikani mu nama nkenguzamateka ari na bo bayiganziye hamwe na Mike Johnson arongoye inama nshingamateka bakengurukiye ingabo z'urwego rujejwe gukingira umukuru w'igihugu ku kungene bavyitwayemwo, mu gukingira umukuru w'igihugu.