Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugwi CVR watanguye kwimba ibinogo vyatawemwo abantu
Umugwi ujejwe ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR, watanguriye mu ntara ya Mwaro igikorwa co kwimba ibinogo vyatawemwo abantu ikivunga kuva mu 1972.
Ico gikorwa co kwimba ivyo binogo kugira bakureyo ibisigarira vy'abantu babitawemwo mu myaka iheze, catanguriye icese ku mutumba Gasenyi komine Rusaka mu ntara ya Mwaro.
Agace abahinga bahereyeko kwimba, hoba hariyo abantu bagandaguwe mu 1972.
Igikorwa gihagarikiwe n'umuhinga yanonosoye ibijanye n'ibinogo rusangi ava i Geneve.
Igikorwa kizobandanya
Mw'ijambo ryiwe, umunyamabanga mukuru w'umugwi CVR, Clothilde Niragira, yabwiye abamenyeshamakuru ko ico gikorwa kigiye kubandanya.
Ati "Icihutirwa ni ukwimba ahari ibinogo rusangi mu gace kose kugira turabe abataweyo ingene bangana.
"Hazoca hakurikira guhamagara abanyagihugu baze gushikiriza ivyo bazi canke babonye ku mabi yabaye muri kahise imbere yuko ibi bisigarira bipfubanwa iteka".
Umunyamabanga mukuru wa CVR yasavye abanyagihu kudatwarwa n'ishavu ngo baje muvyo kwihora ngo kubera imvo nyamukuru y'umugwi CVR ari ukunywanisha Abarundi.
Nkuko bishikirizwa n'abanyagihugu bo ku mutumba Gasenyi, muri ako gace ngo hoba hari ibinogo rusangi bigera kuri bine.
Mu mugwi CVR bavuga ko bazovyemeza bahejeje kwimba ako gace kose, abo bantu bavugwa ngo bakaba barishwe mu 1972.